Amakuru yaranze indwi

Amakuru yaranze indwi yo kuwa 15 Nyakanga 2024

Publié le 15 septembre 2024 par Rédaction

Ndabahaye mwiriwe bakunzi mwese ba radio inzamba agateka kawe, sangw’ikaze muri ano makuru makuru makuru yaranze ino ndwi turiko turasozera. Turi ku munsi w’imana igenekerezo rya 15 Nyakanga umwaka w’2023. Ano makuru mukaba mugira muyashikirizwe na Jean Baptiste Bireha, kaze.

Ano makuru makuru makuru tuyahere mu gisata c’agateka ka zina muntu.

Muganga Christophe Sahabo yahoze arongoye ibitaro Kira hospital yarengutse ku munsi wa kabiri imbere ya sentare nkuru ya Muha mu gisgara ca Bujumbura. Mururwo rubanza, Muganga Sahabo ntiyashoboye kugira inguvu zo kurugumamwo kuko amagara yiwe yari yifashe nabi. Ivyo bikaba vyerekanye uburyo bubi apfungiwemwo mw’ibohero rya Ruyigi. Urubanza rwiwe rukaba rwaciye ruhagarikwa. Ido n’ido na Joséphine Jones Nkunzimana.

Inyuma y’iminsi ibiri Muganga Christophe Sahabo yamaze ariko arakurikiranwa mu bitaro vy’umwami Khaled mu gisagara ca Bujumbura, yahavuye akurwayo ku nguvu ku munsi wa kane asubizwa mw’ibohero rya Ruyigi. Mw’ishirahamwe ACAT baratera ivyatsi iyo ngendo y’ubutegetsi bwa CNDD FDD yo guhungabanya agateka k’uwahoze ari umuyobozi mukuru w’ibitaro Kira Hospital yarasanzwe ari ku musego.  Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumusi ajejwe igisata c’amategeko muri Acat Burundi, avugako ivyo bintu biriko birakorwa ari amabi adasanzwe kuko umupfungwa afise uburenganzira bwo kuvugwa mugihe akitswe n’amagara. Kurikira.

Acat Burundi ihamagarira umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu kuva mu gacerere ukerekana vy’ukuri ko ubaho ukavugira Muganga Sahabo agasubizwa mu minwe y’abaganga kugira barokore ubuzima bwiwe. Acat igatera akamo leta ya Varisito Ndayishimiye guhagarika amabi ariko arakoregwa Sahabo kuko nabo bitebe bitebuke bazobibazwa. N’ubunyene Jean claude Ntiburumusi.

Murico gisata nyene c’agateka ka zina muntu, abantu bashika ku 2.436 nibo bishwe murabo 1.349 nabo batowe ibiziga mu bice bitandukanye vy’igihugu. Ivyo n’ibitigiri bishigwa ahabona n’umuhari uharanira agateka ka zina muntu Iteka mucegeranyo yasohoye ku munsi wa kane gihuye n’imyaka ine n’amezi abiri umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye amaze arongoye Uburundi. Uwo muhari ukavuga ko abantu barenga 500 nabo bakorewe ihoheterwa rifatiye kugitsina. Anachaire Nikoyagize arongoye umuhari Iteka, akavuga ko mu myaka ine irenga Varisitio Ndayishimiye ashitse k’ubutegetsi ubwicanyi bwiyongereye ku rugero rudasanzwe. Ligue Iteka ikababazwa nuko umukuru w’igihugu yagiye arashikiriza amajambo meza ariko atigeze ahura n’ibikorwa. Kurikira

 

Ano makuru makuru makuru yaranze ino ndwi turiko turasozera tuyabandanyirize mu gisata ca politike.

Umugambwe Sahwanya Frodebu umenyesha ko udashobora kw’ihanganira abariko barajuragiza ibikorwa vyuyo mugambwe aho iruhande y’ingoro zimaze gusamburwa mu ntara ya Bubanza amadarapo y’uyo mugambwe agera kuri 15 yaribwe muri aya mezi atatu aheze. Uyo mugambwe umenyesha ko ugiye kwitura ubutungane. Ivyo bishikirizwa na Sylvestre Bikorindagara umuvugizi w’umugambwe Sahwanya Frodebu aho asaba ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ari nabwo bujejwe imigambwe gukurikiranira hafi ico kibazo.

Kuri uwu munsi wa mungu igenekerezo rya mpuzamakungu 15 Nyakanga umwaka w’2024, n’umunsi mpuzamakungu wahariwe intwaro rusangi Demokrasi. Mw’ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iteramnbere rirama, ribonako amatora ari imwe mu nkingi za Démocratie. Mu gihe Uburundi buca buja mu matora yo mu mwaka w’2025, ibimenyetso bihari vyerekana yuko inkingi z’intwaro rusangi zigeramiwe biciye mugucanamwo mu migambwe, kutihanganirana kw’abanyamigambwe, itozwa ry’intererano z’urutavanako, n’ibindi. Ivyo vyose ngo bituma igihugu kidashobora gushira mu ngiro imigambi yose y’iterambere. Ishirahamwe PARCEM ritera akamo leta gushiraho ibiganiro vy’abegwa bose n’amatora, kugira iki gihe kibe igihe co gusubiza hamwe no gukumira inryane zose zijanye na politike. Duteg’amatwi Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM.

Ninahano duciye dusozerera amakuru yaranze ino ndwi twariko turabashikiriza, Jean Baptiste Bireha mwarikumwe, ndabipfurije kuroranirwa aho muherereye hose, n’agahwane.

 

Ibindi bisa n'ibi