Amakuru yaranze indwi

Amakuru yaranze indwi yo kuwa 16 Ruheshi 2024

Publié le 16 juin 2024 par Rédaction
  1. Duhere ku bbanyagihugu bo muri komine ya Kabarore mu ntara ya Kayanza muri kino gihe bari mu gahinda kandi batekewe n’ubwoba. Ni inyuma y’aho hagandaguriwe ku musi wa gatandatu w’indwi iheze umunyagihugu w’imyaka 28  yari azwi kw’izina rya Joseph Habiyaremye wo ku mutumba Mugoyi wo muri iyo komine. Akaba yishwe arashwe n’uwurongoye igipolisi muri iyo komine, Moïse Arakaza batazira Nyeganyega, abapolisi bari babanje kumukura ku muhana iwe. Uwo yishe uwo munyagihugu akaba yidegemvya, abajejwe intwaro n’ubutungane ku rwego rw’intara, aho kumufata ngo arengutswe imbere y’ubutungane nk’uko abanyagihigu bari bavyiteze, ico bakoze kwabaye ukumushimira.
  2. Umushikiranganji w’Ubutungane Domine Banyankimbona arakwiye kuva mu gacerere agashengeza uyo colonel Arakaza Moïse batazira Nyeganyega arongoye igipolisi muri komine Kabarore mu ntara ya Kayanza. Ivyo n’ibisabwa na Anchaire Nikoyagize arongoye umuhari Iteka aho uyo mu komiseri azwi mu mabi menshi y’ubwicanyi yagiye arakorera abanyagihugu yitwa ko ajejwe gukingira, kandi na we nyene akavyigamba.
  3. Umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi CNDIH uvuga ko udatahura icatumye wakwa ikibanza A wahorana mubijanye n’ukubahiriza agateka kazina muntu. Vyashikirijwe ku musi wa mbere mu kiganiro uwo murwi wahaye abamenyeshamakuru. Ivyo bakaba babivuze inyuma y’aho igisata kijejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe ONU catse ikibanza A uwo murwi ugahabwa ikibanza B. Sixte Vigny Nimuraba arongoye uyo murwi asigura ko icegeranyo c’ivyo bakoze kitihwejwe neza.
  4. Uburundi buherutse gutorwa kugira burongore igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu ku ncuro ya mbere kuva bwinjira mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Ku bw’abategetsi b’igihugu, bavuga ko itorwa ry’Uburundi mur’ico kibanza vyerekana icizere amakungu afitiye Uburundi. Ivyo ariko abari mu mashirahamwe yigenga mu Burundi si ko babibona na mba. Akarorero ni nk’umushingwamanza Lambert Nigarura, asigura ko Uburundi butatowe kubera bubikwiriye, nyabuna ngo n’uko bwari bugezwe ho kurongora ico gisata nk’uko bitunganijwe n’ishirahamwe ONU. Ku bwiwe ng’Uburundi ntibwari bukwiye kuja mu’rico kibanza. Lambert Nigarura abona y’uko abategetsi bari bakwiye gufata ako karyo nk’amahirwe bakabonera ho guhindura ibishoboka mu gihugu kugira ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu rihagarare.
  5. Umukuru w’Inama nshingamateka Gelase Ndabirabe aragiriza abashingamateka na bamwe mu ncuti zabo ko bafise uruhara mu kunyegeza ibitoro kugira ngo babigurishe mu gihugu kibanyi c’Urwanda bongere berekane ishusho mbi ku gihugu. Gelase Ndabirabe akaba yabivugiye mu nama yamakoraniro mukigobe ku musi wa kane aho yasiguye ko hakwiye kugarukanwa igihano co gupfa kur’uyo wese yofatwa ariko agurisha igitoro mu kinyegero.
  6. Urunani CFOR ARUSHA ruhurikiye mwo imigambwe itavuga rumwe na leta, ruvuga ko amajambo y’umukuru w’Inama nshingamateka Daniel Gelase Ndabirabe, ari amajambo ateyisoni kandi atabereye umuntu yitwa ko aserukira abanyagihugu. Urunani CFOR ARUSHA ahubwo rubona ko abategetsi b’igihugu basa n’abataye umutwe gushika n’aho batakimenya amajambo babwira abanyagihugu. Ivyo ngo vyerekana ko kurongora igihugu vyabataye ku w’amazi.
  7. Urunani CFOR ARUSHA rurananegura kandi ukuntu abategetsi baguma bafata abanyagihugu nk’ibijuju mu kwama bavuga ko ibintu bigenda neza kandi vyarayangaye. Ikibabaza ngo n’uko abo bategetsi nyene ata kindi bashira imbere atari inyungu za bo zonyena, bakibagira inyungu z’abanyagihugu.

Ibindi bisa n'ibi