Turi kw’igenekerezo rya 18 z’ukwezi kwa 8 mu 2024, kaze mwese mur’ano makuru makuru makuru yaranze ino ndwi mugira mushikirizwe na jewe nyene ….
Ndasubiye kubaha ikaze. Ishirahamwe ACAT BURUNDI riratewe umutima uhaze n’ubwinshi bw’abanyororo bw’ibonekeza mu ma bohero atandakunye yo hirya no hino mu gihugu na cane cane muri kino gihe hibonekeza ikiza c’ibihara bituruka ku nguge. Jean Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’ubutungane muri ACAT BURUNDI avuga ko hamwe atangingo zofatwa z’ihutirwa ico kiza kirashobora kubangamira ubuzima bw’abanyororo basanzwe aho baba kubera ubw’inshi bwabo batagira isaganirizo.Tega amatwi jean Claude Ntiburumunsi.
Tuve mu vy’amabohero tuje ku mabi yakorewe Abakongomani bo mu bwoko bw’abanyamulenge biciwe mu gatumba aho bari bahungiye. Abarokotse mur’izo mpunzi n’imiryango y’abagandaguwe muri zone ya Gatumba mu ntara ya Bujumbura ku wa 13 Myandagaro umwaka w’2004, bituye inzego z’ubutungane zitandukanye basaba gutunganirizwa kubabo bishwe. Ivyo birego bikaba vyashikirijwe umushikirizamanza mukuru wa Républika y’Uburundi, sentare nkuru ya gisirikare yo muri Kivu yo mubumanuko mu gihugu ca Congo, hamwe n’umunyamabanga mukuru w’ikigo kijejwe amatohoza mu gihugu c’Urwanda kuko abagize igitero bamenyekanye ko harimwo Abarundi, abanye Congo n’Abanyarwanda, nkuko vyemezwa n’uwurongoye ibikorwa vyo kurondera ubutungane mw’ishirahamwe ry’abacitse kw’icumu mu Gatumba. Innocent Nteziryayo ababazwa nuko inyuma y’imyaka 20 habaye ubwo bwicanyi, ata matohoza namwe yigeze akorwa kuvyabaye. Kurikira.
PIEDS : Tubibutseko mw’ijoro ryo ku wa 13 rishira uwa 14 Myandagaro umwaka w’2004, impunzi z’Abanyamulenge 166 zishwe, 108 barakomereka na 8 babuzwe irengero mw’ikambi y’impunzi yari yashinzwe na ONU muri zone ya Gatumba. Izo mpunzi z’Abanyamulenge zikaba zari zahunze ubwicanyi bwabarondera mu gihugu ca Congo.
Tukiri mu bijanye n’ubwicanyi buguma bwibonekeza mu Burundi, ngo birababaje kubona abahoneje abantu babaziza ko bavutse ari abatutsi muri Ntega Marangara kw’igenekerezo rya 14 z’ukwezi kw’umunani mu 1988 bagirigwa ikigongwe batanagisavye. Bishikirizwa na Emmanuel Nkurunziza umunyamabanga mw’ ishirahamwe ryishinze kurwanya jenoside rikorera muri CANADA. Abishikirije mu gihe kw’igenekerezo rya 14 za kuno kwezi, imyaka 36 yari irumanye ubwo bubisha bubaye. Iryo shirahamwe rivuga ko bitumvikana ingene ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritarafatira ibihano abakoze ayo mahano kandi baravyiyemereye. Umvirize Emmanuel Nkurunziza arongye AC GENOCIDE
Amakuru makuru makuru yaranze ino ndwi tuyabandanirize mu gisata c’amagara y’abantu aho hibonekeza ubukene bw’ibibanza mu buruhukiro bw’ibitaro bikuru vya Rumonge. Bamwe mu babura ababo bakaba bafise umwitwarariko kuko babatwara mu zindi ntara. Basaba ko ico kibazo cotorerwa umuti. Mu karere k’ubuvuzi ka Rumonge bakaba bemeza ko ico kibazo kizwi, bakizera ko kizogabanuka mu gihe ibitaro vyegukira anglicane aho muri ico gisagara bizokwubaka uburuhukiro. Inkuru tubaza Janvier Habarugira.
Arakenuye Janvier Habarugira. Inama nkuru y’abasenyeri ba Ekleziya Katolika baratewe umutima uhagaze n’ikibazo c’ubuzima buzimvye muri kino gihe mu gihugu. Mu nama abo basenyeri bagiranye n’umukuru w’igihugu kuri uno wa kabiri mu ntara ya Gitega, barashimye utwigoro tumwe tumwe tw’umukuru w’igihugu mu gutezimbere Uburundi , ariko baramweretse amakenga bafise mu ngorane zijanye cane cane n’ifaranga ry’Uburundi ridahengeshanya guta agaciro, ubukene bw’igitoro bwabaye ndanse, hamwe rero n’ibiciro ry’ibintu vya nkenegwa biguma biduma ku munsi ku munsi . Basaba umukuru w’igihugu gukora ibishoboka vyose kugirango ivyo bibazo bive mu nzira . Dutegamatwi Musenyeri Bonaventure Nahimana arongoye inama nkuru y’abasenyeri ba Ekleziya Katolika mu Burundi.
Amakuru makuru makuru yaranze ino ndwi tuyasozerere k’umugambwe CODEBU unegura Ingingo y’umukuru w’Igihugu yo gutegeka abakozi ba leta gukubura. Keffa Nibizi awurongoye yerekana ko uwo atari umugambi urama. Akavuga ko ibituma uwo mwanda wibonekeza mu gisagara bitashizwe ko urutoke, uhereye kw’ibura ry’igitoro kugira amashirahwamwe akura imicafu akore akazi ka yo.
Ariko rero uwo mugambwe nyene CODEBU urerekana inyishu kur’ivyo bibazo. Usaba reta ko ikora ivyo ibishoboka kugira igitoro kiboneke hama ya mashirahamwe ahobore gukura imyavu, hama abanyagihugu bakaronswa amazi meza mu gihugu cose, kugira haboneke isuku rirama. Dusubire dutege amatwi Keffa Nibizi.
Aha rero ni ho tugarukirije amakuru makuru makuru makuru yaranze ino ndwi,… nkaba ndabifurije kugira ibihe vyiza aho muhereye nahubutaha kuri radiyo Inzamba Agateka Kawe.