Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamaba agateka kawe kaze mumakuru ko yo kuruyu musi wambere igenekerezo rya 19 Myandagaro umwaka wi 2024. Ayo twabateguriye tuyahera kungingo nkuru nkuru ziyagize
- Imyidogo ni myinshi mubantu bapfungiwe mugasho kari ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura aho benshi bita kuri Sogemac. Bamwe murabo bahapfungiwe bakavuga ko bazira ubusa abandi nabo ngo bari mumiruho myinshi kuko bapfungiwe mukazu gato aho batinyagaza.
- Amashirahamwe atari make arabandanya gushima irekurwa ry’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye yari amaze imyaka irenga ibiri afunzwe. Mw’itangazo ryasohowe kuruyu wambere n’ishirahamwe Amnesty International bavuga ko bashimishwa nuko uwo mumenyeshamakuru yidegemvya. Iryo shirahamwe risaba ko agateka k’abamenyeshamakuru kokubahirizwa.
- Impunzi nazo z’abarundi bahungiye mugihugu ca soudani yo mubumanuko baba mw’ikambi ya Gorombo bavuga ko babayeho nabi kuva bashitse muri ico gihugu. Izo mpunzi zakababzwa nuko leta yico gihugu yabimye impapuro z’ubuhungiro kugira zibafahse kwisumamwo mubikorwa bitandukanye. Kaze mwese
Ndasubiye kubaramutsa duhere mubijanye n’amagara y’abantu kuriyi nkuru iciye kumasonga
Abantu 153 nibo bari bamaze kumenyekana ko banduye ingwara y’ibihara biturutse ku nkende mu gihugu cose kugeza kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 18 Myandagaro umwaka w’2023. Ibitigiri bikaba bitangwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu. Ico cegeranyo cerekanako zone ya Kinama ifise abarwayi 21, zone Kamenge 10, muri zone ya Gihosha abarwayi 6 hamwe na batandatu muri zone Kanyosha, aho ni mu gisagara ca Bujumbura gusa. Intara ya Kayanza nayo ikaba imaze kwibinekezamwo abarwayi 4 b’ibihara biturutse ku nkende. Ivyo bice vy’igihugu akaba arivyo vyitwa ko bibangamiwe uno munsi. Naho biruko, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, bumenyeshako ata muntu numwe arahitanwa niyo ngwara.
Ibibera mu gasho ka SOGEMAC ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura n’agahomera bunwa. Bamwe mu bahapfungiwe bavuganye na radiyo Inzamba bavuga ko bamwe usanga bapfunzwe bazira ubusa, hama ugasanga n’abantu isinzi bahapfungiwe ntibagira isaganyirizo, ka ndundura n’isuku rike riharangwa, aho usanga imyanda yose ikorerwa aho nyene. Ido n’ido na Eddy Claude Nininahazwe
Arakenuye Eddy Claude Nininahazwe
Amashirahamwe atari make arabandanya gushima irekurwa ry’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye yari amaze imyaka irenga ibiri afunzwe. Ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’agateka kazina muntu AMNESTY INTERNATIONAL rirashimishwa nuko uwo mumenyeshyamakuru muri kino gihe yidegemvya , ariko rigasaba leta yuko yovavanura n’ingendo yo kwama iriko iraburabuza abamenyeshamakuru n’abandi baharanira agateka ka kina muntu mu kazi kabo ka misi yose. kurikira Rachel Nicholson umushakashatsi muri iryo shirahamwe AMNESTY INTERNATIONAL, mu karere ka Afrika yo mu buseruko.
Urunani rw’ama syndicat y’abigisha FNASSEB narwo rusaba umukuru w’igihugu kurekura Emilienne Sibomana, yahoze ari umunyamabanga kw’ishure ry’imyuga rya Christ Roi ku Mushasha mu ntara ya Gitega. Naho yejejwe na sentare, umupfasoni Emilienne Sibomana akaba akiri mw’ibohero. Antoine Manuma, arongoye urunani FNASSEB, amenyeshako aho bigeze umukuru w’igihugu ariwe wenyene afise ubushobozi bwokumukura mw’ibohero nkuko aherutse kubikorera umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye. Kurikira.
Pieds : Tubibutseko Emilienne Sibomana yari yahagaritswe kw’igenekerezo rya 27 nzero umwaka w’2023 inyuma yo gushira ahabona amabi yo gushurashuza abana babigeme bo kw’ishure ry’imyuga rya Christ Roi ku Mushasha mu ntara ya Gitega, bikozwe n’umuyobozi waryo Laurent Ntakarutimana.
Tubandanye amakuru twabateguriye
Impunzi za Barundi bahungiye mugihugu ca soudani yo mubumanuko baba mw’ikambi ya Gorombo bavuga ko babayeho nabi kuva bashitse muri ico gihugu haraciye imyaka itatu. Abo barundi bavuga ko Leta y’ico gihugu yarabimye impapuro z’ubuhungiro naho ishirahamwe HCR atako ritari ryagize kugirango ico kibazo kive munzira.N’inkuru tubaza Janvier Habarugira
Arakoze na Janvier Habarugira
Mugusozera aya makuru
Mu makuru y’inkino nkuko vyama buri wa mbere, kur’uyu w’Imana umurwi wa Dynamo wasubirije mu ndumane Urunani mu kurutsinda amanota 64 kuri 61, ni mu nkino zogusubiza ku rwego rw’igihugu. Nayo mu mupira w’amaguru hariya muri Tanzanie, Vital’o yihanijwe na Young Africans mu kyitsinda 4 ku busa, ni mu nkino z’igikombe c’imirwi yabaye iyambere iwabo(ligue des champions ku mugabane wa Africa). Inkuru ya Alexandre Niyungeko
Arakenuye Alexandre Niyungeko, ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Bonfils Niyongere nayabashikirije ndabipfurije kuroranugwa mubanyu no muvyanyu. Nahubutaha.