Ni ikaze kuri mwese mwahise mwo kwumviriza radiyo Inzamba Agateka Kawe, amakuru makuru makuru yaranze ino ndwi turiko turasozera kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 23, ukwezi kwa 3 mu mwaka w’2025, mushikirizwa na jewe nyene Audace Nimbona, tuyatangurire mu bijanye n’ubutungane
Abantu batatu bose baturuka mu muryango umwe harimwo abapolisi babiri barapfungiwe mu gasho k’iperereza haciye ukwezi kurenga. Bagirizwa kuba bagiranye ibiganiro ku rubuga bahurirako wastapp ku ntambara ziriko zibera mugihugu kibanyi ca Kongo iharanira demokarasi. Abo mu muryango bariyamiriza iryo rementanya bariko baragirirwa bagasaba ko ababo borekurwa kuko ataco bariko barazira. Iyi nkuru tuyibaze Pacifique Nkeshimana .
Urakoze Pacifique Nkeshimana. Bamwe mu bayoboke b’ishengero rya Zebiya Ngendakumana bo muri quartier Gatunguru mu gisagara ca Bujumbura barara ntibuca kubera ko bariko barahigwa buhongo n’imbonerakure zifadikanije n’igipolisi. Abo bahoze basengera kwa Zebiya bavuga ko hari abanyurujwe mur’uku kwezi kwa gatatu n’abakozi b’iperereza baja kubica. Basaba ko umutekano wabo wokingigwa nk’abandi Barundi kuko babayeho mu bwoba bwo kwicwa canke kunyuruzwa nka bagenzi babo. Ido n’ido ry’inkuru na Parfait Mudasigana
Ikiziga c’Umurundi yahora aba mw’ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzaniya azwi kw’izina rya Remy Ndayikeza , caratowe ku musi wa kabiri. Uwo Remy Ndayikeza yahora akora akazi ko kundandaza inyama , yari yarabuzwe irengero mur’iyo kambi , hari haheze imisi irenga indwi. Izindi mpunzi z’Abarundi baba mur’iyo kambi bari mu gahinda ko kubura uwabo. Basaba inzego zibijejwe gukora amatohoza vuba bwango , kugira ngo abakoze ubwo bwicanyi bamenyekane kandi bahanwe vy’akarorero. Ni inkuru ya Jean Georges Kibogora.
Urakoze Jean Georges Kibogora, inyuma y’akaruhuko gato amakuru arabandanya
Mugisata c’ubutunzi naho, haribonekeza ubukene bw’amakara mugisagara ca Bujumbura aho igiciro caduze ku rugero ruteye ubwoba. Igice c’umufuko ubu ngo kigurwa amafaranga ari hagati y ‘ibihumbi 75 000 ni 80.000. Abanyagihugu basaba ababijejwe gukurikiranira hafi ico kibazo. Iyi nkuru tuyibaze Jean Baptitse Bireha,
Arakoze Jean Batipte Bireha .Tukiri ngaho nyene, ukwidegemvya mu bijanye n’ubutunzi ngo biracari kure nk’ukwezi mu Burundi, kuko leta iguma iremera ivy’ubutunzi mu gufata ingingo zitayiraba. Bisigugwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM. Ni mu mwihwezo iryo shirahamwe ryakoze kur’uyu wakane inyuma y’icegeranyo giheruka gusohoka kubijanye n’umwidengemvyo mu butunzi aho Uburundi buri mu bibanza vya nyuma. Faustin Ndikumana asigura ko inzitizi zikiri nyishi mu gihugu kugira ngo abakora mu gisata c’ubutunzi bashobore kwidegemvya. Tumwumvirize
Uyo yanonosoye ibijanye n’ubutunzi abona ko hari hakwiye kuba inama rukukoma yiga ku bijanye n’umwidegemvyo mu vy’ubutunzi kugira ngo, ico gisata gitunganywe neza hatagiye mwo cane cane imvo za politike. N’ubunyene Faustin Ndikumana
Faustin Ndikumana akaba arongoye ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira Abarundi ngo bahindure ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama.
Ni no ngaho tugarukirije amakuru makuru makuru yaranze ino ndwi, mwakoze mwese kuyatega amatwi, nkaba rero ndabifurije kuroranirwa aho muherereye hose, n’ah’ubutaha kuri radiyo Inzamba Agateka Kawe.
Merci de prendre connaissances de nos règles d'usage avant de publier un commentaire.
Le contenu des commentaires ne doit pas contrevenir aux lois et réglementations en vigueur. Sont notamment illicites les propos racistes, antisémites, diffamatoires ou injurieux ; les propos incitant à la haine ou à la violence ; les propos divulguant des informations relatives à la vie privée d’une personne ou utilisant des œuvres protégées par les droits d’auteur (textes, photos, vidéos…) sans autorisation et mention de la source. Les commentaires sont modérés a posteriori par un administrateur du site. Nous vous remercions pour votre compréhension.