Ndabahaye mwiriwe bakunzi mwese ba radio inzamba agateka kawe, sangw’ikaze muri ano makuru makuru makuru yaranze ino ndwi turiko turasozera. Turi ku munsi w’imana igenekerezo rya 24 Myandagaro umwaka w’2024. Amakuru mukaba mugira muyashikirizwe na Bonfils Niyongere, kaze.
Ano makuru yaranze ino ndwi tuyahere muyavugwa mu gisata ca politike,
Imyidogo ni yose mu banyagihugu bo ntara za Makamba na Rutana, bikaba biva ku rwaruka rw’imbonerakure na bamwe mu bajejwe intwaro bo hasi muri kino gihe bariko baca ku nzu kunzu no ku ma bariyeri ya komine babategeka gutanga amafaranga y’intererano y’amatora yo mu 2025. Abanyagihugu batari muri uwo mugambwe bavugako batumva ingene bakwa amafaranga y’uwundi mugambwe, babonako bariko barahohoherwa. Ni inkuru tubaza Signoline Nijimbere.
Intererano iriko iratozwa n’umugambwe CNDD FDD kugira bategure amatora yo mu mwaka wi 2025 ikwiye guhabwa intumbero kugira itozwe abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD bonyene gusa. Bisabwa n’umugambwe CODEBU. Uyo mugambwe ukabivuga wisunze intererano zimaze imisi zitozwe abantu bose bo muntara za makamba na Rutana n’umugambwe CNDD FDD. Keffa Nibizi arongoye CODEBU agasaba ko ata muntu yoterwa ubwoba kugirango aterere kandi adasanzwe ari mumugambwe CNDD FDD. Kurikira.
Mu makuru ajanye n’agateka ka zina muntu,
Ibikorwa vy’iterabwoba, kuburabuzwa, guhagarikwa no gupfungwa, imanza zangondagonde biraba abaharanira agateka ka zina muntu, abamenyeshamakuru nabo mu migambwe itavuga rumwe na leta, ntivyigeze bihagarara muriyi myaka ine umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye amaze kubutegetsi. Bivugwa n’ishirahamwe mpuzamakungu Amnesty International mu cegeranyo c’ubushakashatsi cashize ahabona kuri uyu wa gatatu. Kubwa Rachel Nicholson, umushakashatsi muri iryo shirahamwe mu karere ka Afrika yo mu buseruko, naho umukuru w’igihugu yagumye yemera ibintu vyiza gusa, ntikibuzako abaharanira agateka ka zina muntu babandanya gukurikiranwa bahorwa akazi kabo. Kurikira.
Abigisha bimuriwe gukorera muzindi ntara mumyaka yi 2016 na 2017 bakwiye gusubizwa muntara bahora bakoreramwo kuko babayeho mubuzima bugoye kuva barungitswe murizo ntara. Bisabwa n’urunani rw’ama syndicat y’indero n’inyigisho mu Burundi FANESSAB. Urwo runani bakavuga ko abo bigisha bimuriwe muntara zindi kandi ata kintu nakimwe kigaragara cisunzwe kugira bimurwe. Antoinne Manuma arongoye FENASSEB basaba umushikiranganji w’indero gushira mungiro ivyavuzwe n’umukuru w’igihugu na burya umwaka wishure wi 2024 ushira 2025 buca utangura. Kurikira
Ano makuru yaranze ino ndwi tuyabandanyirize mu gisata c’amagara y’abantu,
Haravugwa ikiza ca cholera muri zone Gihosha ya komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura. Abantu bashika 10 baramaze kuyandura mu kiringo c’ukwezi kumwe. Abanyagihugu baba mur’iyo zone bavuga ko iyo ngwara yoba yadutse kubera isuku rike riturutse kw’ibura ry’amazi meza riguma ryibonekeza mur’ico gisagara. Abanyagihugu batakambira umukuru w’igihugu c’uBurundi kugira ico afashije ibintu bitarayangara, iyi nkuru tuyibaze Evelyne Mukeshimana.
Umuhinga mu bijanye n’ingwara zandukira Come Konakuze ahamagarira abanyagihugu kurushirizaho kugira isuku no kumubiri naho baherereye, kugira bikingire iyo ngwara. Leta nayo ayisaba guhimiriza abo banyagihugu kuyikingira, gutorera inyishu ico kibazo c’amazo, no kwiyumvira ingene yogira isekeza ryo gucandaga abanyagihugu. Tumutegamatwi.
Imbere yo gusozeara ano makuru makuru makuru yaranze ino ndwi,
Amashirahamwe 19 adaharanira inyungu za politike asaba Leta ya Tanzaniya ifadikanije na Leta y’Uburundi n’ishirahamwe HCR guhagarika umugambi wo gushaka gutahukana kunguvu impunzi za barundi ziri muri ico gihugu.Murwandiko ayo mashirahamwe yasohoye asaba Leta ya Tanzaniya guhagarika vuba na bwango ingingo yose yoza ishaka gutahukana kunguvu impunzi za Barundi.Ishirahamwe HCR naryo risabwa kw’ubahiriza no gukingira agateka kimpunzi..Kurikira Leopord Sharangabo arongoye ishirahamwe CBDH VICAR, imwe mu mashirahamwe yateye igikumu kuri urwo rwandiko.
Ni hano duciye dusozerera amakuru makuru makuru yaranze ino ndwi turiko turasozera, ndabashimire mwese mwariko muradukurikira, kuri micro mwarikumwe na Bonfils Niyongere, ndabipfurize kugira ijoro ryiza, nagahwane.