Turi kuw’imana n’igenekerezo rya 27 Gitugutu ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba agateka kawe uyu n’umwanya wo gukurikira amakuru makuru makuru yaranze ino ndwi turiko turasozera mukaba muyashikirizwa na jewe Jean Baptiste Bireha
Ano makuru tuyahere kw’iyibukwa ry’imyaka 31 irangiye umukuru w’igihugu w’ambere yari yatowe nabanyagihugu Melchior Ndadaye agandaguwe hari kw’igenekerezo rya 21 Gitugutu mumwaka 1993 inyuma y’amezi atatu gusa ashitse kubutegetsi.President Ndadaye akaba yashira imbere demokarasi ;ubutungane kuri bose n’agateka ka zina muntu .Kurikira
Iragi rya president Melchior Ndadaye ngo ntiryigeze ry’ubahirizwa n’intwaro zagiye zikurikirana.Ivyo bivurwa na Frederic Banvuginyunvira umwe munararibonye z ‘umugambwe Sahwanya Frodebu president Ndadaye yaturukamwo.Avuga ko intwaro rusangi yasubiye inyuma cane ;agateka ka zina muntu kakaba kirirwa karahonyangwa abantu bakicwa bazira ubusa. Kurikira Frederic Banvuginyunvira
Inyuma y’igandagurwa rya president Ndadaye haciye hakurikira ubwicanyi bwagahomerabunwa mugihugu cose bufise intumbero y’ihonyabwoko.Ishirahamwe rirwanya ihonyabwoko AC Genocide C’irimoso ishami ryo muri Canada rigatanga akarorero kubanyeshule barenga 150 babatutsi biciwe mukibimba gushika uyu munsi ubutungane atacoburigera bukorako.Emmanuel Nkurunziza arongoye Iryo shami muri Canada akababazwa no kubona ubutegetsi bwa Gitega bwarasubiye kwankira ishirahamwe AC Genocide Cirimoso kuja mukibimba kw’ibuka izo nzirakarengane.Asaba ishirahamwe mpuzamakungu Onu gushiraho sentare idasanzwe yo gucira imanza abakoze ihonyabwoko mu Burundi.
Abarundi barenga 1 700 000 nibo bamaze kwiyandikisha ku kugira bazokwitabe amatora ategekanijwe mu mwaka uza w’2025, inyuma y’iminsi itatu ico gikorwa gitangujwe n’umurwi CENI. Ivyo vyamenyeshejwe n’umukuru w’umurwi w’igihugu utegura amatora CENI, hari kuri uyu wa gatanu mu kiganiro n’abamenyeshamakuru. Abajijwe ku kibazo cuko abanyagihugu bariko batwarwa ku nguvu kwiyandikisha, Prosper Ntahorwamiye yasiguyeko abajejwe intwaro bafise imikenyuro yabo kugira bararike abantu kuja kwiyandikisha. Kurikira.
Mu runani CFOR ARUSHA ruhurikiyemwo abatavuga rumwe na leta, ruriyamiriza iryo terabwoba ribandanya rikorerwa abanyagihugu bategekwa kuja kwiyandikisha. Urwo runani rufatira akarorero kuri musitanteri wa komine Mpanda iri mu ntara ya Bubanza Nadine Nibitanga, kuri uwu wa kane igenekerezo rya 24 uku kwezi turimwo, yasohoye itangazo aho asaba uwo wese asaba karanagamuntu canke ico kindi cose yifuza muri komine arongoye, kwabwirizwa kubanza kwerekanako yiyandikishije mu matora yimirije yo mu 2025. Jean Bosco Rwigemera icegera c’umukuru w’urunani CFOR ARUSHA abonako izo ngingo ziteye kubiri n’amategeko. yibutsako kuja mu matora canke kutayajamwo, ari uburenganzira bwuwariwe wewe. Kurikira. Twumwumvirize.
Ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya bwarafashe ingingo kuwa 21 Gitugutu umwaka w’2024 yo kubandanya ibihano ryafatiye Ubuurndi ikindi kiringo c’umwaka. Iyo ngingo yashizwe ahabona mu kinyamakuru c’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka w’2024, ikazoshika kw’igenekerezo rya 31 Gitugutu umwaka w’2025. Ido n’ido na Jean Marie Ndabashinze.
Ikiringo c’umwaka w’ibihano giheruka kwongerwa UBurundi n’ishirharamwe ry’ibihugu vya Bulaya n’ikimenyetso gikomeye cerekana ko amakungu abandanya gukurikirana ibiba mu Burundi. Vyemezwa n’ishirahamwe rukritsu ACAT rigwanya ihohotegwa rya kiremwa muntu mu Burundi. Umushingwamanza Armel Niyongere arongoye iryo shirahamwe arashima iyo ngingo yo kongereza ibihano akuvaga ko izotuma abategetsi b’uburundi bikubita agashi bakubahiriza amategeko mugukingira agateka kazina muntu kabandanya guhungabana mugihugu. Tumukurikire.
Ni no ngaha duciye dusozera amakuru yaranze ino ndwi nkaba nshimiye mwebwe mwes mwaduteze yompi naho ubutaha.