Amakuru yaranze indwi

Amakuru yaranze indwi yo kuwa 28 Mukakaro 2024

Publié le 28 juillet 2024 par Rédaction

Ndabaramukije mwese ndabaha n’ikaze mur’aya makuru makuru makuru yaranze iyi ndwi y’uwa 22 kugeza uwa 28 Mukakaro umwaka w’2024.

Abantu batatu baratowe indwara y’akaranda y’ibihara vy’inguge bita mugifaransa Variole de singe igenekerezo rya 22 uku kwezi kw indwi.Bari bakiriwe ku bitaro vy’umwami Khaled, ku bitaro vy’abasirikare mu kamenge be no ku bitaro vyo muri komine Isare y’intara ya Bujumbura  Vyamenyeshejwe ku musi wa kane mw’itanganzo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu. Muganga Lyduine Baradahana,  umushikiranganji w’amagara y’ abantu avuga ko iyo ngwara yandukira cane kandi yica n’ingoga iyo umuntu atayivuje kare.  Agahamagarira abarundi n’abanyamahanga kwubahiriza ingingo zo kwikingira ico kiza. Kurikira.

Ku bijanye niyo ngwara nyene, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu busabwa gufata ingingo zihuta kugira bukingire abanyagihugu mu bice bimaze gutorwa mwo abantu bayirwaye   biciye mu gutanga amakuru y’ukuri kubijanye n’iyo ngwara. N’akamo gaterwa n’umuhinga mu bijanye n’ingwara z’ivyaduka, Côme Konakuze asaba y’uko mu bibanza bimaze gutorwa mwo abarwayi hogabanywa amakoraniro ahuza abanyagihugu, hakongera hagakoreshwa urucanco rwayo. Kurikira.

Inyandiko zitagira umukono zarasubiye kwibonekeza. Mu gitondo co ku musi wa gatatu zatowe muri zone Kinama mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura. Kur’izo nyandiko Abarundi  bahamagarirwa kwikura ubutegetsi bubi bubazingamitse mu magorwa atari bwa boneke. Ido n’ido ry’ibiri mur’izo nyandiko na Evelyne Mukeshimana.

Abategetsi bahamagarirwa kutiyobagiza amagorwa y’abanyagihugu. Akamo ka patiri Viateur Ntarataze mu nkuka y’imisa yo ku musi w’Imana itari ki 21 Mukakaro kuri cathédrale Régina Mundi i Bujumbura kerekana uko umwungere mwiza yigenza.  Yatanze akarorero k’aho mu Burundi abanyagihugu birirwa baraboroga ariko bamwe mu ndongozi bakaguma babashinyaguriza bavuga ko ibintu vyose bimeze neza. Ati bafise amahirwe ko ari intama zitekerereje.  Tumukurikire.

Ubutare bivugwa ko bwabonetse mw’ishamba rya Murehe muri komine Busoni mu ntara ya Kirundo mu ndwi iheze nta wokwizera ivyo umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye yashikirije ku bijanye n’ubwo butare. Mu gihe avuga ko Abarundi bagiye kuhatorera akoyoko, bamwe baravyemera kubera inyungu zabo, abandi bakabona ko ari imvugo yo kuryosharyosha abanyagihugu ku mvo zokurondera amajwi mu matora yimirije. Ido n’ido na Eddy claude Nininahazwe.

Mu guheraheza, abagendesha imiduga bariyamiriza ivyo bita akajagari kibonekeje ku munsi wa kane ku mastasiyo amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura.Bavuga ko  Igipolisi catwaye imparati z’imodoka zari zitondeye igitoro. Bene imodoka, babuze ayo bacira n’ayo bamira kuko batari bazi izo mparati iyo zatwawe n’uwo bazozibaza. Inkuru ya Pierre Gahungu.

Aha ni ho amakuru makuru makuru yaranze ino ndwi dusozereye  agarukiye. Nkaba nsubiriye kushimira mwebwe mwese mwayakurikiye. Iyindi sango n’iy’umusi w’Imana uza.

Ibindi bisa n'ibi