Amakuru yaranze indwi

Amakuru yaranze indwi yo kuwa 6 Gitugutu 2024

Publié le 6 octobre 2024 par Rédaction

Ndabahaye mwiriwe bakunzi mwese ba radio inzamba agateka kawe, sangw’ikaze muri ano makuru makuru makuru yaranze ino ndwi turiko turasozera. Turi ku munsi w’imana igenekerezo rya 06 Gitugutu umwaka w’2023. Amakuru mukaba mugira muyashikirizwe na Bonfils Niyongere, kaze.

 

 

Ano makuru yazanze ino ndwi tuyahere muyavugwa mu gisata ca politike,

Amatora ngwariko ategurwa mu gihe igihugu uno munsi gitekanye. Ivyo bivugwa n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye. Yabishikirije ku musi wa kane mu nama yagiranye n’abaserukira imigambwe itandukanye. Evariste Ndayishimiye akaba yavyishimiye mu gihe amatora y’abashingamateka n’abahanuzi b’amakomine azoba mu mwaka uza.

 

Umugambi w’amatora ntawovuga kuriko ugenda neza mu mahoro mu gihe hari ingoro z’imigambwe imwe imwe zikibomorwa, amahera atozwa ku nguvu agenewe gushigikira umugambwe CNDD FDD mu matora, hamwe nabajejwe intwaro bakibangamira ibikorwa vy’imigambwe imwe imwe. Bivugwa na Jean Nduwimana, arongoye ishirahamwe ry’urwaruka rurwanya akabi n’akarenganyo AJNA. Kubwiwe, umukuru w’igihugu n’abaserukira imigambwe bari bakwiye nyabuna kuganira ku mategeko arangwamwo utunenge dushobora gutuma amatora agenda nabi. Kurikira.

 

Kw’igenekerezo rya mbere ukwezi kwa Gitugutu, amakungu yarahimbaje umusi wahariwe abageze mu za bukuru. Leta y’Uburundi yaboneyeho akaryo ko kumenyeshako kwiriko irakora utwigoro twinshi mu ntumbero yo gufasha abo bantu. Mw’itangazo ryiwe umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu Imelde Sabushimike yamenyesheje mbere ko hari itegeko ririko riritegurwa rizokingira abageze mu za bukuru. Tumutegamatwi.

Naho biruko, imyidogo ni myinshi mu bakukuruke bahoze bakora akazi ka leta mu Burundi. Bavuga ko bari mu bukene butagira izina kuko udufaranga twa pansiyo baronka ari intica ntikize kuko ubuzima bwazimvye. Bidoga kandi bavuga ko haheze imyaka 4 barindiriye ishirwa mu ngiro y’ivyo umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye yabemereye, ariko amaso yaheze mu nzira. Igihe yarahirira kurongora igihugu, yari yabemereye kuduza agafashanyo baronka. Iyi nkuru tuyibaze mugenzi wacu Audace Nimbona.

 

Amakuru makuru makuru yaranze ino ndwi tuyabandanyirize mu gisata c’agateka ka muntu,

 

Kaminuza ya Namur mu Bubirigi yaratanze agashimwe yitiriye Docteur honoris causa ko mu mwaka w’2024 ku mumenyeshamakuru Bob Rugurika arongoye iradiyo ijwi ry’abanyagihugu, hari ku munsi wa mbere. Akaba ari mu bantu bane bagize uruhara rudasanzwe mw’isi mu guharanira uburenganzira bw’abanyagihugu atawukumiriwe. Ngo kubona Bob Rugurika aronswa ako gashimwe ngo nikimenyetso c’uko amakungu akurikirana ibiba m’Uburundi. Bob Rugurika avuga ko ar’intsinzi ku barundi bose batotejwe n’ubutegetsi. Agahamagarira ibimenyeshamakuru bikorera mubuhungiro gusenyera kumugoz’umwe. Tumukurikire.

 

Mu gisata c’amagara y’abantu, mu gihe ingwara y’umugera wa Marburg iza yaribonekeje mu gihugu kibanyu c’u Rwanda, abarongoye ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, baragabisha. Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Lidwine Baradahana, amenyeshako iyo ngwara ikaze cane. Ngo naho itaratorwa mu Burundi, abanyagihugu bakwiye kubandanya bayikingira mu kwisunga amabwirizwa ajanye n’isuku. Kurikira.

 

Ni hano duciye dusozerera amakuru makuru makuru yaranze ino ndwi turiko turasozera, ndabashimire mwese mwariko muradukurikira, kuri micro mwarikumwe na Bonfils Niyongere, ndabipfurize kugira ijoro ryiza, n’agahwane.

Ibindi bisa n'ibi