Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku 15/09/2023

Publié le 15 septembre 2023 par Rédaction
I. Kuri iri genekerezo rya 15 Nyakanga, amakungu arahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe intwaro rusangi. Ibihugu vyo muri Afrika vyinshi ntibiratahura ibijanye n’intwaro rusangi n’agaciro ifise, aho umunyagihugu yategerezwa kugira ijambo ku bijanye n’ubuzima bw’igihugu ciwe. Bishikirizwa na Frédéric Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR-Arusha rutavuga rumwe na leta y’Uburundi. Uyo yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, akavuga ko ibihugu vyo muri Afrika vyasigaye inyuma muri demokarasi aho abantu birirwa baricana, kubera kutihanganirana mu vyiyumviro.
II. Frédéric Bamvuginyumvira arongera akavuga ko mu gihugu c’Uburundi ata demokarasi ihari, kuko n’imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi yasambuwe. Akavuga ko n’abanyagihugu batakironka aho bashikiririza ivyiyumviro vyabo, kuko ibimenyeshamakuru bahora bavugiramwo vyaturiwe n’ubutegetsi bw’Uburundi budashaka intwaro rusangi.
III. Ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama, ribona ko mu Burundi inkingi z’intwaro rusangi zitubahirijwe na gato. Uturorero iryo shirahamwe ritanga, ni nko mu bijanye no gutanga akazi, ngo hakwisunga ubushobozi bw’umuntu, bisunga ivy’imigambwe. Ivyo vyose ngo bituma igihugu kidashobora gutera imbere. Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM atera akamo umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi guhindura ingendo, maze ugakora ku neza y’abanyagihugu bose.
IV. Imyidogo ni yose ku bavyeyi barereye kw’ishure ryisumbuye rya Kiremba yo mu buraruko, muri komine Kiremba mu ntara ya Ngozi. Intandaro ya vyose akaba ari uko ubuyobozi bw’ishure butangisha amafranga y’ishure atandukanye n’ayashinzwe n’ubushikiranganji bw’indero. Abanyeshure biga bataha bategerezwa kuriha ibihumbi indwi ku gice c’umwaka ariko barihishwa ibihumbi 14. Abo bavyeyi bavuga ko ari ubusuma.
V. Ingingo yo kuduza ibiciro vy’itike yo kwiyunguruza irakorako abakozi ba leta bakorera mu gisagara ca Bujumbura. Ibice 15 kw’ijana (15%) vy’umushahara w’umwigisha yize amashure ya kaminuza bizoherera mu kwiyunguruza buri kwezi, mu ngendo azofata aja ku kazi gusa. Basaba leta guhagarika iryo duzwa, no gufata izindi ngingo zotuma igitoro kidasubira kubura, kuko iyo kibuze bica biba intandaro y’iduga ry’ibiciro vy’ibindi bidandazwa.
VI. Abarimyi bo mu ntara ya Makamba bababazwa n’ukwo ata fumbire ya kijambere bararonka co kimwe n’imbuto zirobanuye, mu gihe imyiteguro y’irima ry’agatasi igeze kure. Abo barimyi basaba ubuyobozi bw’indimo muri iyo ntara gukora ibishoboka vyose, kugira iyo fumbire n’izo mbuto zirobanuye ziboneke vuba hashoboka.

Ibindi bisa n'ibi