Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 01/01/2020

Publié le 1 janvier 2020 par Rédaction

I. Abantu babiri banyurujwe mw’ikambi y’impunzi ya Nyarugusu muri Tanzaniya. Ivyo vyabaye muri zone y’11 kuri uno musi wa gatatu, nkuko amakuru dukurayo avyemeza. Kuva kuw’Imana uheze, abantu bane nibo banyurujwe muri iyo kambi.

II. Imyidogo ni myishi mu mpunzi z’abarundi zahungiye mw’ikambi y’i Nyarugusu muri Tanzaniya, kubera zimaze amezi abiri zitavuzwa nkuko vyahora. Amakuru dukura muri iyo kambi akavuga ko indwara ya malaria ibarembeje.

III. Umwaka mushasha w’i 2020 ushitse mu gihe impunzi z’abarundi bari mw’ikambi y’i Nduta muri Tanzaniya zitorohewe. Izo mpunzi ngo ziri mu bukene ntangere kubera amasoko biyungunganya badandarizamwo yugawe, kugira babatahukane kunguvu mu Burundi. Zisaba ko umuti urama woboneka ku kibazo c’Uburundi, gurtyo bazotahuke bashike badatotezwa nkuko biriko biba uno musi.

IV. Tukibabwira kubijanye n’Imisi mikuru iheza umwaka, ngo yahimbajwe bigoranye kuri bamwe bamwe mu miryango yo mu gisagara ca Rumonge. Uretseko amikoro ari make kuri bamwe bamwe, vyaba ibinyobwa canke ibifungurwa vyaradugijwe ibiciro ku rugero runini muri iyi misi ya Noel n’ubunani.

V. Uno musi ugize uwa 72 abamenyeshamakuru bane Christine Kamikazi; Agnès Ndirubusa; Térence Mpozenzi; Egide Harerimana b’ikinyamakuru IWACU bafunzwe. Bafashwe kw’igenekerezo rya 22 gitugutu uwu mwaka bagiye gutohoza amakuru ku vyerekeye igitero c’abaroberi i Musigati mu ntara ya Bubanza. Imyaka 15 y’umunyororo niyo umushikirizamanza aburanira reta aherutse gusabira abo bamenyeshamakuru abagiriza gukorana n’aba reberi muri ico gitero cabaye co kuwa 22 Gitugutu.

VI. Abantu amajana barishwe, abandi baraborezwa igufa. Ivyo ni bimwe mu biharuro bigize icegeranyo c’umwaka w’2019 c’ishirahamwe Ligue Iteka. Ico cegeranyo cerekana ko abakenyezi n’imiyabaga abahungabanya agateka ka zina muntu nabo nyene batabageze umutwe. Andrée Nsabimana, ajejwe gushikiriza amakuru muri Ligue Iteka.

VII. Kwinjira canke kuva mu runani rw’ama syndicats y’abigisha COSESONA, ngo n’uburenganzira bw’abigisha. Ivyo bikavugwa na Victor Ndabaniwe, arongoye urwo runani, aho amenyesha ko barungitse mu ntara impapuro z’ukwuzuza kubifuza kuva muri urwo runani. Akaba yabivugiye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kabiri, mu gihe hari abigisha bidoga ko binjizwa muri urwo runani, ngo bazokatwe amafaranga 500 y’ugushigikirana ivyo bavuga ko biteye kubiri n’amategeko.

Ibindi bisa n'ibi