I. Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu niwe yashizwe imbere n’umugambwe UPRONA wemewe n’ubutegetsi, ngo azowuserukire mu matora yimirije mu kibanza c’umukuru w’igihugu. Akaba yatowe mw’ikoraniro ryabaye kuri uyu wa gatandatu, mu gisagara ca Bujumbura. Gaston SINDIMWO akaba yemeye ko mu migambi yoshirimbere igihe yotorwa, harimwo kunagura isura y’igihugu, agashiraho ibanki yofasha abanyagihugu kwiteza imbere.
II. Amezi 3 araheze abanyeshure biga mu ma kaminuza atandukanye yo mu Burundi, bahagarikwa, abandi bagatahukanwa iwabo badahejeje icabazanye. Imvo ngo n’uko badafise ibitabu vy’inzira « passeport » mu rurimi rw’igifaransa. Ikibatangaza ngo n’uko bahora bemererwa gukoresha urupapuro bahabwa n’ishirahamwe CPGL, ubu rutacemerwa. Basaba ubutegetsi bwa Congo iharanira demokarasi, kubaronsa ivyo bitabu vy’inzira ku neza yabo n’iy’igihugu cabo.
III. Urubanza rwaciriwe abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru IWACU, rwo gufungwa imyaka ibiri n’igice, rwuzuyemwo akarenganyo. Niko bibonwa na Jean MINANI, arongoye urunani CNARED GIRITEKA. Kubwiwe, ngo nta muntu ashobora guhanishwa uyo munyororo, ahorwa gukora akazi kiwe. Ubutungane ngo bwategerezwa kubarekura mu maguru masha. Tubibutse ko uno munsi wa gatandatu, ugize umunsi wa 103 abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru IWACU bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya BUBANZA.
IV. Abanywanyi 9 b’umugambwe CNL, barafungiwe mu gasho ka komine Busoni, mu ntara ya kirundo. Umukuru w’umugambwe CNL muri zone Gatare, muri iyo komine nyene, akaba ariwe yatanguye gufungwa kuri uyu wa gatanu afatanywe indangamuntu zabo 9, yaragiye kuzigirisha fotokopi, kugira ngo azozitware muri CEPI ya Kirundo, bakaba bazira kuba aribo bazoja guhagarikira amatora ya 2020, nkuko tubibwirwa n’umwe mubegereye abo bafunzwe.
V. Mu kigabane Kw’isôko, mutegurirwa n’urunani rw’amaradiyo RPA, Inzamba na télévision renaissance co kuri uno wa gatandatu, tubaganirira ingorane zihanze abakenyezi n’abigeme, ingorane zijanye n’ukubura ibikoresho vyo kwisukura mu gihe baba bari mubutinyanka.