Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 01/02/2021

Publié le 1 février 2021 par Rédaction
I. Haracari inzitizi zitarinke kugira ngo bikunde ibinyamakuru vyigenga vyugawe bisubire gukora. Biri mw’itangazo ryasohowe n’amaradiyo RPA, Télévision Renaissance n’urunani rw’abamenyeshamakuru UBJ. Innocent Muhozi arongoye Télévision Renaissance amenyesha ko kimwe muvyokorwa kugira amaradiyo yigenga asubire gukora, ari uko n’abarundi ubwabo boba bafise ubwigenge bwo gushikiriza iryo bagona. Akaba ari inyuma yaho hari ugushaka kw’ubutegetsi ko amaradiyo yugawe yosubira gukora.
II. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aherutse kumenyesha ko ikiza ca Corona kitica abantu nka malaria canke izindi ndwara, arico gituma kidakwiye gutera ubwoba abarundi. Evariste Ndayishimiye akaba kandi yarananeguye zimwe mu ngingo zifatwa n’ibindi bihugu, nko gutegeka abantu ku guma mu ngo zabo. Umuhinga mu bushakashatsi ku ndwara zandukira munsi y’ubugaragwa bwa sahara, Come Konakuze, avuga ko indwara idafatwa nk’ikiza gusa kubera abantu imaze guhitana canke abamaze kuyandura. Akavuga kandi ko iyo mvugo igaragaza ko bamwe mu batware kubera bibagora gukurikiza amabwirizwa mu bihugu barongoye, bahitamwo gukoresha imvugo yo kuyeyemvya.
III. Abanyagihugu baba mu micungararo y’ibitaro vya Fota mu ntara ya Mwaro, baratabaza abajejwe ivy’ubuvuzi. Ako kamo gatewe n’uko hari umwe muri 11 bamaze gutorwa  coronavirus kuri ivyo bitaro, asohoka ukwo ashaka, avuye iwe, mu gihe bavuga ko yanse kuja aho abandi barwariye. Abo banyagihugu bagaterwa ubwoba n’uko ashobora kwanduza abatararwara.
IV. Hari umugabo asanzwe ari mu mugwi w’imbonerakure ku mutumba wa Gashasha, muri komine Rumonge, yakubiswe n’uwurongoye umugambwe CNDD-FDD muri komine Rumonge. Amakuru ava aho kuri uwo mutumba, avuga ko yagirizwa ko yoba ari mu mugwi utashigikiye itorwa ry’uwurongoye uwo mutumba. Abanyagihugu bo mu Rumonge bakaba batera ivyatsi iyo nyifato y’uwo mukuru w’umugambwe, bagasaba ko yoshengezwa akanavuza uwo yasinzikarije ubuzima.
V. Abanyagihugu bo mu gisagara ca Makamba bariyamiriza ikoreshwa ry’inguvu ry’igipolisi mu guhagarika abunguruza abantu ku ma pikipiki. Mu gihe harabo bimaze gukomeretsa nkuko bivugwa n’abo banyagihugu, no kuri uno wa mbere umutama w’imyaka 60 yakomeretse muri ubwo buryo. Mu kiringo kidashika indwi zibiri, abantu batatu baramaze gukomereka muri ubwo buryo.

Ibindi bisa n'ibi