Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 01/02/2022

Publié le 1 février 2022 par Rédaction
I. Ibura ry’igitoro rirabandanya kuvugwa mu ntara zitandukanye mu Burundi. Kuri uno wa kabiri Radio Inzamba yakubitiye mu Gisagara ca Bujumbura, ku ma stations ashika 5 twashoboye kugendera hari imirongo miremire y’abarondera igitoro. Ivyo bikerekana ko igitoro cabaye umuzi w’ibuye mu Burundi naho leta iheruka kuduza ibiciro vy’igitoro. Abiyunguruza, abagendesha amamodokari hamwe n’abagendesha ama pikipiki, basaba leta gutorera umuti ico kibazo cabaye akananirabahinga.
II. Ariko ishirahamwe Interpetrol rifise uruhusha rwo kuzana igitoro mu Burundi, rirahumuriza abagikoresha ko kuva kuri uno wa kabiri kizoba cashikanwe mu ma station yo mu gisagara ca Bujumbura no mu ntara hagati. Mw’ishirahamwe OLUCOME bakabonako iyo nyishu kw’ikena ry’igitoro izomara umwanya urume rumara, mu gihe ubwo burenganzira bwo kwinjiza igitoro buzoguma mu minwe y’ishirahamwe rimwe.
III. Amakuru ahejeje gushikira radio Inzamba muri kano kanya amenyeshako leta y’Uburundi ihejeje kuduza ibiciro vyo kwiyunguruza. Mu gisagara ca Bujumbura itike yongeweko amafaranga ijana, na yo ku ngendo zose zija mu gihugu hagati uvuye i Bujumbura hongeweko ibice 25 kw’ijana ku giciro c’itike ryari rihasanzwe.
IV. Dusavye ko ba nyamwema bakingirwa mu Burundi kuruta, no kuvavanura n’ukudahana ubwicanyi bagirirwa. Ako n’akamo gaterwa n’ishirahamwe ry’abanyamwema mu Burundi Albinos sans Frontières. Ako kamo igateye inyuma y’inyuruzwa n’iyicwa ry’abanyamwema babiri ku w’Imana uheze. Anicet Bangirinama aserukira imbere y’amategeko iryo shirahamwe, akabona ko hamwe abanyamwema boserukirwa mu nzego zifata ingingo, vyotuma  abagira ubwo bwicanyi n’ayandi mabi bateshwa bagata.
V. Urwego rw’igihugu rw’urwaruka rwugarijwe n’ingorane zitandukanye zituma urwo rwego rukora nabi. Ivyo vyavugiwe mu nama yatunganijwe kuri uyu wa kabiri n’urwo rwego, mu ntumbero yo gutegura amatora azosubiriza inzego zihari. Euraste Nzosaba arongoye inama nkuru y’urwaruka, avuga ko uretse kuba abarurongoye ari abakozi bakorera ahandi kubera ko badafise umushahara, urwo rwego nta n’amategeko arugenga rugira nk’izindi nzego.
VI. Abakoresha na bo benshi bo mu mashirahamwe y’abikorera utwabo co kimwe n’amashirahamwe ya Leta ntategekaniriza kazoza abakozi bayo iyo bageze mu zabukuru. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji wa mbere Alain Gillaume Bunyoni kuri uno wakabiri. Yabivuze mu gihe hari haramutse hashikirizwa icegeranyo c’umugwi w’abahinga, ku bijanye n’integuro y’icegeranyo gishasha c’umugambi wo gutunganiriza neza abakozi bageze mu zabukuru. Umushikiranganji wa mbere akaba yatanze akarorero ko mw’ishirahamwe INSS aho abakoresha bagera ku bice mirongo itandatu kw’ijana (60%) batatanze amafaranga yo gutegekaniriza kazoza abakozi bayo, muri iyi myaka ibiri iheze.

Ibindi bisa n'ibi