Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 01/02/2023

Publié le 1 février 2023 par Rédaction
I. Abasirikare b’Uburundi barenga 20 ni bo basize ubuzima mu ntambara zabaye mu ndwi iheze mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko, mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, abarenga cumi na bo barakomereka, nk’uko amakuru ava mu gisirikare abimenyesha. Bamwe muri bo bakaba bashikanywe mw’ikambi DCA passive Guantanamo mw’ijoro ry’uwa Mungu ushira uwa mbere. Abasirikare baja kuzana abapfuye n’abakomeretse bagasaba ko leta y’Uburundi yokoresha indege kuko ngo bagira ibibazo vyinshi mu nzira.
II. Ukutihanganirana muri politike, ukutigenga kw’ubutungane hamwe n’ukudahana ni bimwe mu bibazo bigihanze ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye, ngo naho habonetse agahengwe mu bijanye n’amabi afatiye kw’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu mwaka wa 2022. Ni ko bibonwa n’ishirahamwe riharanira agateka ka muntu IDHB mu cegeranyo caryo co mu mwaka wa 2022. Kubwa Carina Terstakian umushakashatsi muri IDHB, umugambwe CNDD-FDD uriko ukoresha inzira zose harimwo n’izo gukoresha inguvu, kugira bikunde ugume kubutegetsi. Carina Terstakian abona ko abarundi uno munsi bariko barata icizere ku majambo atagira ibikorwa ashikirizwa n’umukuru w’igihugu.
III. Umugabo yitwa Nsengiyumva André batazira Macungu yarakomeretse acumiswe imbugita, hari mw’ijoro ryo kuri uyu wa mbere rishira uwa kabiri, ku Mugoboka muri komine ya Mukaza mu gisagara ca Bujumbura. Amakuru dukura mu babanyi biwe yemeza ko uwakoze ico caha ari uwitwa Bacamurwanko Daniel, asanzwe ari nyumbakumi waho ku Mugoboka. Ico caha akaba yagikoze abandi mu bajejwe intwaro barorera. Abanyagihugu baho ku Mugoboka batera akamo ko muri iyo zone harangwa icuka kibi giterwa n’abajejwe intwaro ubwabo.
IV. Imisi 3 irarumanye ata n’ima ry’amazi ribonetse mu ma karitiye 4 yo mu gisagara ca Kayanza. Imvo ngo ni itwiyo itwara amazi yaturitse ku musi w’Imana uheze. Ababa muri ivyo bice, bafise ubwoba ko bashobora kwandura indwara zifatiye kw’isuku rike. Basaba ishirahamwe REGIDESO gukemura ico kibazo bitarayangara.
V. Abafise ibirabo mu ntara ya Muyinga basabwa kubahiriza ibiciro vy’ibinyobwa vya BRARUDI bisunze ibiciro vyategetswe n’ubushikiranganji bw’ubudandaji. Vyashikirijwe na buramatari w’intara ya Muyinga kuri uyu wa kabiri, igihe yariko aragirisha inama abarongoye intwaro muri iyo ntara. Jean Claude Barutwanayo yongera akamenyesha ko n’abafise ibirabo bita VIP barabwa n’iyi ngingo. Agahamagarira abajejwe intwaro gufasha mw’ishirwa mu ngiro ry’iyi ngingo.

Ibindi bisa n'ibi