Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 01/03/2021

Publié le 1 mars 2021 par Rédaction
I. Abasirikare 6 b’Uburundi harimwo umwe w’ipete rya Majoro nibo bamaze gukomerekera mu ngwano ziriko zibera mu ntara ya Cibitoke. Amakuru radiyo Inzamba ikura mu basirikare bari muri iyo ntara, yemeza ko n’ubu igisirikare c’Uburundi kitaramenya neza umwidondoro w’abo bariko baragwana n’igisirikare.
II. Impunzi ifise ubwene gihugu bwa Congo yarishwe mw’ikambi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya, ku mugoroba wo ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze. Ivyo bikaba vyateye uruhagarara muri iyo kambi, kuko ritabaye irya mbere hakorwa be n’ubwo bugizi bwa nabi. Mu runani CBDH-VICAR rwitaho ibijanye n’agateka k’impunzi zo mu makambi yo muri kano karere, bahamagarira igihugu ca Tanzaniya kwitaho umutekano w’impunzi ziri muri ico gihugu.
III. Abanyororo bakurikiranwa ku vyaha vya politike baracafise ingorane mu bijanye no kuronswa uburenganzira bwo kwivuza hanze y’ibohero, naho biba vyagaragaye ko indwara bagwaye zikeneye abahinga bazo. Ivyo biri mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uyu wa gatanu, n’ishirahamwe ACAT Burundi rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu. Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’amategeko muri iryo shirahamwe asaba leta gukurikirana uwo wese atubahiriza agateka k’umunyororo, kuko kwivuza bisanzwe bitegekanijwe mu mategeko agenga umunyororo.
IV. Ikibazo kijanye n’ikumirwa ngo gisa n’icimonogoje mu gihugu c’Uburundi. Ivyo bivugwa n’ishirahamwe ligue Iteka riharanira agateka ka zina muntu. Aho ni mu gihe kuri uno musi hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe kugwanya ikumira. Mu matohoza riheruka kugira, iryo shirahamwe  ryasanze hari ikumira rihagaze ahanini ku bwoko mu bagize inzego zitwara igihugu.
V. Abubatse ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika bidaciye mu mategeko basabwa kwibomorera ivyo bubatse, ahandi ho leta niyo izobigira. Umushikiranganji w’ibidukikije yabagabishije mu nama yabagirishije ku wa gatanu uheze. Iyo nama yarimwo abahafise amatongo n’inyubakwa, hamwe n’aba buramatari b’intara zegereye ico kiyaga Tanganyika. Ariko Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME rirwanya ibiturire no gusesagura amatungo ya leta, afise amakenga ko iryo tegeko rishobora kutazoja mu ngiro.
VI. Umupfasoni w’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Angeline Ndayishimiye atera akamo ishirahamwe mpuzamakungu  rijejwe ibifungurwa kw’isi PAM hamwe n’abarundi babishoboye,  gukora ibishoboka vyose kugira umugambi wo gufungurira abana kw’ishure ukwire ku mashure yose, kugira ngo abana bige neza. Ivyo akaba yabishikirije kuri uno wa mbere mu birori vyo guhimbaza umusi  wahariwe gufungurira abana ku mashure muri Afrika, Ibirori vyabereye kw’ishure ritoyi rya Muyange ya mbere, muri Komine ya Gashoho, intara ya Muyinga.

Ibindi bisa n'ibi