I. Amasendika y’abunguruza abantu bakoresheje ama pikipiki, TukTuk n’amakinga, baheruka kwandikira umushikiranganji wa mbere bamwereka ko batigeze bahanuzwa mu gufata ingingo yo kubuza ivyo vyuma kugera mu gisagara hagati ca Bujumbura. Mu vyo basaba umushikiranganji wa mbere harimwo kubangira kuri iyo ngingo yafashwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, itorohereza na gato aberwa n’ico gisata co kunguruza abantu n’ibintu.
II. Inzara ni nyinshi mw’ikambi y’impunzi z’abarundi bahungiye i Lusenda mu gihugu kibanyi ca Congo iharanira demokarasi. Izo mpunzi zivuga ko zigiye kumara amezi atatu ata mfashanyo y’ibifungurwa baronkejwe n’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu kijejwe imfungurwa PAM. Ikivyunyura ngo n’ukwo bamwe muri izo mpunzi batemerewe kuja gusarura ivyo barimye, kubera amacakubiri yigishwa na bamwe mu banyeCongo. Izo mpunzi zigasaba ababijejwe kubaronsa ivyo bafungura.
III. Kuri ukwo kubaho nabi kw’impunzi z’abarundi mw’ikambi ya Lusenda, Leta iharanira demokarasi ya Congo isabwa gukorana n’amashirahamwe yitaho impunzi kugira ico kibazo gitore umuti. Bishikirizwa na Léopold Sharangabo, icegera c’umukuru w’urunani rw’abaharanira agateka k’impunzi mu makambi, CBDH-VICAR.
IV. Abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD muri komine Giharo bariko batozwa amahera yo kurekuza abanywanyi b’uwo mugambwe bahagaritswe bagirizwa kunyuruza umwavu w’ikizungu n’isukari ya SOSUMO. Ivyo ngo bikaba biriko bikorwa na Sylvain Nzikoruriho arongoye umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Rutana. Abanyagihugu bo muri iyo komine bakaba badafise icizere ko abo bagirizwa ubusuma bazohanwa hakurikije amategeko.
V. Nta munyeshure n’umwe arekuriwe kugira ubugeni yarataye ishure imbere y’imyaka ibiri ahevye kwiga. Biri mu ngingo yafashwe na musitenteri wa komine Bukemba mu ntara ya Rutana. Kubwa Eulalie Nibizi yigeze kurongora sendika y’abigisha STEB ngo iyo ngingo ngo n’imwe muri nyinshi zotuma iyo ngeso ihagarara ariko ngo ntikwiye. Amenyesha ko ingingo zo gutuza iyo ngeso y’abakobwa baheba ishure zidafatirwa ku rwego rwa komine.
VI. Eulalie Nibizi asaba abarongoye Uburundi gutunganya ibiganiro vyohuriramwo abegwa bose n’ikibazo c’indero mu Burundi kugira haboneke umuti urama.
VII. Hari umugwi w’abagenduzi mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya ikiza SIDA warungitswe gutohoza ibikorwa, biriko birangurirwa mu bitaro Clinique Prince Louis Rwagasore vy’i Bujumbura. Aho ni mu gihe abarongoye ama sendika y’abakozi bari baherutse kwagiriza ubuyobozi bw’ivyo bitaro ko burangwa n’agatima k’ubunyonyezi no gucanishamwo abakozi. Dr Bonite Havyarimana, arongoye ivyo bitaro yagirizwa gufuta umugwi ujejwe gukoresha ibibazo vy’akazi yongera atabura n’urutonde rwari rwamanitswe n’uwo mugwi rw’abari bahejeje kuronka akazi.
VIII. Musitanteri wa komine Murwi yaradohotse mu vyo ashinzwe vyo gukingira abanyagihugu babiri mu bo arongoye. Ivyo bivugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, yize amategeko akaba no mu baharanira agateka ka muntu. Umwe muri abo banyagihugu yarishwe bunyamaswa, uwundi arakomereka cane n’abantu bataramenyekana mw’ijoro ryo ku w’Imana uheze bagirizwa uburozi. Kubwa Janvier Bigirimana, iyo ndongozi ya komine Murwi yari gushobora gukinga ako kabi mu guhimiriza abanyagihugu kutihanira, gutyo abari bamaze kugabisha kwica umwe muri bo bakabona guteshwa.