Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 01/03/2023

Publié le 1 mars 2023 par Rédaction
I. Ikiziga c’umwana w’umwigeme caratowe kuri uyu wa kabiri muri komine Vugizo y’intara ya Makamba. Ikiziga c’uwo mwigeme azwi kw’izina rya Irakoze Sophia, kikaba catowe mu murima w’ishure ryisumbuye rya Gishiha muri iyo komine Vugizo. Igipolisi muri iyo ntara kikemeza ko amatohoza yatanguye.
II. Abantu 3 ni bo bafashwe bajanwa mu gasho k’igipolisi muri komine Mabanda kuri uyu wa kabiri, inyuma y’isakwa ryakozwe n’igipolisi ku mutumba Karinzi muri komine Mabanda, ni mu ntara ya Makamba. Indyane ziri hagati y’aba pasitori babiri bo mw’ishengero rya Pentecôte Misiyoni ya Kayogoro, ni ryo ryoba riri inyuma y’iryo hagarikwa ry’abo bantu.
III. Imanza zijanye no kurwanya ibiturire zigiye kuzoza ziraburanishwa muri za sentare nkuru zikukira intara, kiretse mu gisagara ca Bujumbura, aho zizoguma ziburanishirizwa muri sentare irwanya ibiturire. Iyo nteguro y’itegeko ikaba yemejwe kuri uno wa mbere n’inama nshingamateka.
IV. Gukura rero ububasha bwo kwakira imanza z’abagirizwa kurya ibiturire muri Sentare idasanzwe yo kurwanya igiturire, bukimurirwa mu ma Sentare makuru y’intara, bisa no kugabanya inguvu inzego zijejwe kurwanya igiturire. Bivugwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM, rikangurira abarundi guhindura ingendo. Faustin Ndikumana ahanura leta ko yarikwiye guha uburyo n’inguvu zikwiye kugira inzego zo kurwanya igiturire zihashe ba kaboko, aho kuzica intege.
V. Ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu buributsa amashirahamwe yunguruza abantu kubandanya bubahiriza ingingo zigenga imiduga yunguruza abantu, haba mu gisagara ca Bujumbura canke hagati mu gihugu. Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umuyobozi mukuru arongoye ubwo bushikiranganji, Nibizi Innocent, mu nama yagiranye ku munsi wa kabiri n’abarongoye amashirahamwe yunguruza abantu. Agasaba abo bose bunguruza abantu, basanzwe bafise imiduga idakwije ibiyiranga bisabwa n’amategeko, kuvyubahiriza.
VI. Umukuru w’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo Félix Antoine Tschisekedi akwiye gushira imbere inyishu idaciye mu ntambara hagati ya Leta n’umuhari ugwana M23, kugira abagwanyi ba FDLR na ADF bashobore gutahukanwa mu bihugu vyabo. Biri mw’ikete abashingamateka batowe mu ntara ya Kivu y’uburaruko bandikiye uwo mukuru w’igihugu kuri uyu wa kabiri. Abo bashingamateka basaba guhagarika intambara, umuhari M23 ugasubiza ibirwanisho hasi.

Ibindi bisa n'ibi