I. Inteko z’ubumwe bwa Afrika, ziri kubungabunga amahoro mu gihugu ca Somaliya mu rwego AMISOM zaraye zirangije ikiringo. Ingabo z’ibihugu vy’ubumwe bwa Afrika ziri muri Somaliya zifise intumbero yo gutegura ingabo z’ico gihugu kugira ngo mu misi iri imbere, zizobe zibako mu gucungera umutekano w’igihugu cabo. Vyemejwe kuri uyu wa kane n’inama yo kubungabunga amahoro n’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
II. Umurundi uwari we wese ntanezezwa n’ukwumva igihugu ciwe c’amavuko kiri inyuma mu butunzi. Ivyo bishikirizwa na André Nikwigize, umuhinga mu vy’ubutunzi akaba n’icegera c’uwurongoye umuhari MAP-BURUNDI BUHIRE. Amenyesha ko igihugu kidashoka gutera imbere mu mwaka umwe gusa, ko bisaba politike nziza y’ubutunzi, ituma umunyagihugu wese abaho neza. Ni mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yamenyesheje aho yari mu gikorane gihuza abari mu mugambwe CNDD-FDD kuri uyu wa kane, ko mu mwaka w’ibihumbi bibiri na mirongo ibiri na gatatu, igihugu c’Uburundi kizoba kitagiharurwa mu bihugu bikenye kw’isi.
III. Ubwicanyi bwakorewe musenyeri Michael Courtney yaserukira papa mu Burundi mu mwaka wa 2003 buzokorwa amatohoza n’umugwi ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira CVR. Vyamenyeshejwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kuri uyu wa gatatu ku kibuga c’indege ca Bujumbura. Ivyo akaba yabivuze inyuma y’urugendo yaravuyemwo i Vaticano mu Butaliyano aho yabonanye na papa Francisko, umwungere wa ekleziya gatolika kw’isi.
IV. Umushingwamanza Vital Nshimirimana asigura ko iyo mvugo ya Evariste Ndayishimiye yerekana ko leta y’Uburundi ifadikanije na CVR bashaka kuguma banyegeza ukuri, kugira bashike kunyungu zabo mu gihe baza baritorera ubwicanyi bwabaye bakorako amatohoza. Ku bwiwe ibikorwa vy’umugwi CVR biratandukanye no kurondera ukuri ku vyaha vyabaye, kuko hariho abandi bantu bishwe ariko n’ubu ata matohoza arakorwa.
V. Inyigisho zo ku buhinga ngurukanabumenyi zitegerezwa gukorwa mu ntumbero yo kwongereza ubumenyi mu bijanye n’indero n’uburyo bwo kuronka inyigisho mu Burundi. Bivugwa na Denise Kadondo, umuhuzabikorwa mu runani Bafashe Bige. Yabishikirije kuri uno wa kane mu gihe bariko bashira ahabona ibikorwa vy’umugambi wo gukoresha ubuhinga ngurukanabumenyi mu mashure y’intango mu Burundi. Asaba abo vyega bose gufasha kugira uwo mugambi uranguke.
VI. Hari imiryango y’abarundi bugarije ibiro vya HCR mw’ikambi ya Nduta kuva kuri uyu wa kane. Abo barundi bababa 30, bamaze ukwezi kwose basaba ubuhungiro muri ico gihugu ca Tanzaniya, barabubimye. Ikindi kivugwa kuri abo barundi, n’uko bari barahungutse mu mwaka uheze, basubira guhunga kubera amabi bakorerwa n’imisore y’imbonerakure zibagiriza ko bakorana n’abagwanyi. Ukwo kwima ubuhungiro ababusaba, biriyamirizwa n’abaharanira agateka k’impunzi.