Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 01/05/2020

Publié le 1 mai 2020 par Rédaction

I. Abakoroni be n’abarundi bashimye kubakorera, nibo Petero Nkurunziza yashimikiyeko mw’ijambo yaraye ashikirije abarundi, mu gihe amakungu ahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi, uhimbazwa kw’igenekerezo rya 01 Rusama, uko umwaka utashe. Petero Nkurunziza avuga ko ashikanye Uburundi mu kibanza gishimishije, uravye uko yasanze igihugu cifashe muri 2005 ashitse ku butegetsi. Ngo cari cazingamitswe n’abakoroni.

II. Jérémie MINANI avugira urunani CFOR rutavuga rumwe na leta irongowe na Petero NKURUNZIZA, aranegura ko Petero NKURUNZIZA atavuga ukuri, kuko uko igihugu yagisanze kiri ku ntambwe ya demokarasi, agisize kiri mu bihugu bitwaza intwaro y’igikenye; abanyagihugu bariko baraganya, nawe akavuga ko ibintu vyifashe neza.

III. Abakozi ba Leta be n’abikorera utwabo  bo mu gisagara ca Bujumbura bavuganye na Radio Inzamba, bavuga ko uno munsi mukuru w’abakozi ushitse mu gihe Leta ibandanya kubanunuza, no kubakata imishara yabo. Ngo na yo imvugo Petero Nkurunziza yakoresheje mw’ijambo yashikirije, ngo ni imvugo ya politike kuko ubutunzi bw’igihugu muri rusangi, atako bwifashe.

IV. Mu birori bijanye n’uyu musi vyabereye mu ntara ya Ngozi, icegera c’uwurongoye COSYBU, Nsavyimana Celestin, yavuze ko mu misi iri imbere, abakozi ba INSS, Mutuelle de la Fonction Publique,  bashobora guhura n’ibibazo bikomeye cane, kubera ayo mashirahamwe ashobora kwugara bivanye n’ubutunzi bwayo butifashe neza. Yasavye umukuru w’igihugu yari i Ngozi ko leta yoriha amadeni ifitiye ayo mashirahamwe, kugira asubire kunaguka.

V. Amategeko ntarekurira abaporisi n’abasoda kwambara inyambaro zerekana imigambwe bashigikiye, ivyo bivugwa na Pacifique NININAHAZWE, arongoye ishirahamwe FOCODE. Ni mu gihe hibonekeza abategetsi bamwe bamwe, badakurikiza ayo mategeko muri kino gihe co kwiyamamaza, harimwo intwazangabo mu gipolisi yitwa Désiré Uwamahoro.

VI. Hari umwigisha yigisha kw’ishure shingiro rya Muririmbo, komine Mutaho, mu ntara ya Gitega, yagirizwa kuba yarateye inda umwana w’umwigeme w’imyaka 14. Abo mu muryango w’uwo mwana, bavuga ko bababazwa n’uko uwo mwigisha aguma yidegemvya, bagasaba ko ubutungane bwokora kugira ngo ahanwe.

VII. Umuyobozi w’ishure nshingiro rya Muririmbo avuga ko abavyeyi b’uwo mwana atavyo bamumenyesheje, ko yabonye gusa uwo mwana atakiza kw’ishure. Akavuga kandi ko ejo yandikiye ikete uwo mwigisha ngo yisigure, yongera aranabimenyesha abamukurira. Ariko ayandi makuru ava kuri iryo shure, yemeza ko se na nyina b’uwo mwana baje kuri iryo shure kubimenyesha  uwo muyobozi.

Ibindi bisa n'ibi