I. Abantu 21 bashasha nibo bamenyeshejwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, ko banduye umugera wa corona, hari mu mpera z’indwi iheze. Ariko abakurikiranira hafi ibijanye n’ico kiza mu Burundi, nta gaciro baha ivyo biharuro bitangwa, kuko hari abantu benshi bamaze igihe bitaba Imana, bafise ibimenyetso vya corona virus.
II. Ubwoba ni bwinshi kw’ishuri King’s School mu Kinindo, inyuma y’aho umwe mu bigisha bo kuri iryo shure yitavye Imana. Bikavugwa ko uyo mwigisha yoba yahitanywe n’umugera wa Covid-19. Abavyeyi barereye kuri iryo shure basabako bogishwa inama mu gutorera inyishu ico kibazo, ku neza y’abana babo.
III. Umugambwe Sahwanya Frodebu kuri uyu musi wibuka imyaka 27 iheze uronse intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye muri Ruheshi umwaka wa 1993. Petero Claver Nahimana awurongoye avuga ko naho hari ingorane mu Burundi, intambwe ya demokarasi yateye imbere. Nayo ingorane ziri mu gihugu avuga ko ari ibisanzwe ngo kuko perezida Ndadaye ivyo yari yarabivuze ko intambwe ya demokarasi izogira impinga ndende.
IV. Umugwi ujejwe amatora CENI waranditse ku rubuga rwayo ngurukanabumenyi kuva kuwa 30 rusama, ko uwaserukiye umugambwe CNDD-FDD Evariste Ndayishimiye ariwe yatsinze amatora yo kuwa 20 rusama. Umushingwamanza Janvier Bigirimana yanonosoye amategeko, avuga ko umugwi CENI wahonyanze itegeko rigenga amatora, rivugako ico gikorwa ari ica sentare yubahiriza ibwirizwa nshigiro.
V. Inyifato y’abarundi bamwe bamwe na cane cane mu begereye ubutegetsi bwa CNDD-FDD, irerekana neza ko imico n’akaranga k’Uburundi iriko iratituka. Ivyo bishikirizwa na Ferederiko Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’Umukuru w’igihugu w’Uburundi. Agafatira ku karorero k’abantu hoba harimwo n’umu polisi w’igihugu, aho baherutse gusohora ama audio ku buhinga bwa Whatsapp, aho bashikiriza ibitutsi vy’ibiterasoni mu kwifatira mu gahanga abasenyeri bo mu Burundi, aho bari bahejeje gusohora itangazo ku bijanye n’amatora.
VI. Bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru Iwacu bamaze imisi 224 bafunzwe mu ntara ya Bubanza, bakaba bazomenya urwo sentare isubiramwo Imanza ya Ntahangwa yabaciriye, mu misi ine. Bakaba barengutse imbere y’abacamanza b’iyo sentare kuwa 6 Rusama uyu mwaka, urubanza ruca ruja mu mwiherero. Mukibuka ko bahagaritswe kuwa 22 Gitugutu umwaka uheze, mu ntara ya Bubanza aho bari bagiye kukazi kabo ka misi yose, mu gihe hari ingwano hagati y’inzego z’umutekano n’umugwi witwaje ibirwanisho. Icariho c’umushikirizamanza mu ntara ya Bubanza Ntamikevyo Jean Marie Vianney akaba yari yabasabiye umunyororo w’imyaka 15. Amashirahamwe y’abamenyeshakuru bakaba badahengeshanya gusaba ko barekurwa kuko bafunzwe bazira akazi kabo, ata kosa na rimwe bakoze.