I. Ibirori vyo guhimbaza imyaka 58 Uburundi buronse intahe yo kwikukira, vyaranzwe n’ijambo nyamukuru ryashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste NDAYISHIMIYE. Yagarutse ku vyaranze intahe yo kwikukira. Evariste NDAYISHIMIYE akaba yibukije ko abarundi baciwemwo ibice bagaburwa mu moko n’aba koroni. Akaba yasavye abarundi kuzirikana abasize ubuzima bariko baharanira intahe yo kwikukira. Mur’ivyo birori vyabereye kw’ibarabara ryitiriwe ukwikukira i Bujumbura, umukuru w’igihugu yashimiye abo avuga ko bakoreye igihugu gusumba abandi mu kazi bashinzwe.
II. Uwaharaniye intahe y’ukwikukira kw’Uburundi Umuganwa Ludoviko Rwagasore yashira imbere ubumwe, amahoro n’iterambere. Karori Nditije yahoze arongoye umugambwe Uprona avugako intwaro ihari uno musi mu Burundi, atakindi ikora atari uguhonyanga iryo ragi rya Rwagasore.
III. Umukuru w’igihugu mushasha Evariste Ndayishimiye yaraye adugije amapete bamwe mu ntwazangabo na cane cane abo kw’ipete rya General. Amapete yatanzwe ku rugero rwose rw’intwazangabo. Bamwe mu baronkejwe ama pete yo mu rwego rwa General bahoze mu gisirikare ca kera ex FAB, bari ku rutonde rw’abazosezerwa mu nzego baje mu buruhuko bwo mu za bukuru. Aba general bose mu gisirikare no mu gipolisi c’Uburundi bakaba barenga 50.
IV. Ubwinshi bw’abasirikare bafise ipete rya general ngo buje kwongereza ubukene bw’igihugu. Kubwa Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe OLUCOME, ngo icari gikwiye kwihutirwa mu gihugu ngo n’ukunagura ubutunzi bw’igihugu bugeze aho umwansi ashaka. Ngo igikorwa co gutanga amapete ya general kuri benshi mu gisirikare no mu gipolisi gituma reta igira uruhombo rutari ruke, kuko hari vyinshi baca baronswa ku buntu reta na yo ataco iriko irinjiza.
V. Umuntu umwe yaraye atowe ikiziga mw’ikambi y’I Mulongwe muri republika iharanira demokarasi ya Congo. Amakuru dukura ngaho, akavuga ko yoba yariye ishano.
VI. Impunzi z’abarundi zahungiye mu karere ka Kayonza mu buseruko bw’igihugu c’Urwanda zivuga ko zifise ingorane zo kudatorera inyishu ibibazo bafise, kubera badafise uwubaserukira. Bimwe mu bibazo bavuga bakunda kugira, ni kugwara bakabura uwo bitura hamwe no kutamenya amakuru yerekeye impunzi.
VII. Abarundi bahungiye mu bumanuko bw’igihugu c’Urwanda barafise ingorane zijanye no gukurikirana abana babo muri kino gihe ca corona virus, abana bataja ku mashure. Izo ngorane zikaza ziyongera ku zindi zijanye n’ubuzima bwa minsi yose impunzi zibayemwo.