I. Uyu munsi niho Uburundi bwahimbaje imyaka 59 Uburundi bumaze buronse intahe y’ukwikukira. Mw’ijambo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yashikirije; yavuze ko ukwikukira kw’Uburundi kugaragarira mu butungane n’intwaro ibereye iri mu gihugu.
II. Abakoroni ngo ntaho bagiye kuko abarundi babandanije bacurwa bufuni na buhoro na benewabo bari ku butegetsi. Ivyo bishikirizwa n’abanyagihugu baganiriye na Radio Inzamba, kuri uyu munsi Uburundi buhimbaza imyaka 59 iheze bwikukiye.
III. Intahe yo kwikukira iracari kure nk’ukwezi mu Burundi ku ntwaro y’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Bivugwa n’urunani CFOR Arusha rw’abanyepolitike batavuga rumwe na leta y’i Bujumbura, baharanira amasezerano ya Arusha. Emmanuel Ndereyimana avugira urwo runani, asigura ko intahe yo kwikukira kw’Uburundi atayihari kuko umugambwe uri ku butegetsi ubandanya uhohotera abarundi mu kubapfungira ubusa, no kubaka ama tagisi atagira uko angana. Kubwiwe leta ya CNDD-FDD ikwiye gusaba ikigongwe abarundi bose, kubera bamerewe nabi gusumba ku ntwaro y’abakoroni.
IV. Na yo mu muhari Map Burundi ngo, ihimbazwa ry’imyaka 59 Uburundi buronse intahe yo kwikukira uriko uhimbazwa mu cuka ca politike kidasanzwe. Libérat Ntibashirakandi awuvugira, akisunga ibijanye n’inzego z’igihugu zibandanya kubiba amacakubiri mu barundi, hamwe n’ubutungane bwataye akarangamutima uno munsi buri mu minwe y’umugambwe uri ku butegetsi.
V. Mu gisagara ca Rumonge, amasoko, amazu y’ubudandarizo vyugawe kuva mu gitondo. Imvo ikaba yari iyo guhatira abantu kuja mu birori vy’isabukuru y’ukwikukira. Ivyo navyo vyariko bibera kuri stade Vyizigiro.
VI. Germain Rukuki aharanira agateka ka zina muntu yaraye arekuwe inyuma y’imyaka ine yaramaze apfunzwe. Irekurwa ryiwe riranezereza abo mu mashirahamwe aharanira agateka ka muntu. Me Armel Niyongere arongoye ishirahamwe ACAT Burundi avuga ko ari intambwe yaraye itewe mu gihugu, agahamagarira abo bose bitanze muri ico gikorwa kubandanya basaba y’uko n’abandi bapfungwa ba politique canke abandi bahorwa ubusa barekurwa, kugira amategeko yubahirizwe mu gihugu. Me Armel Niyongere.
VII. Hari ingoro y’umugambwe CNL yaraye yononwe n’abantu bataramenyekana. Ivyo vyabaye mw’ijoro ryakeye muri komine Ruhororo intara ya Ngozi. Abanywanyi b’uwo mugambwe aho i Ngozi baranegura ivyo bise ukutihanganiranira mu vya politike. Bagasaba abajejwe intwaro gutuza abakora ubwo bukozi bw’ikibi.
VIII. Imyidogo ni myishi mu bajejwe intwaro bo hasi bo muntara ya Makamba, biturutse ko agashahara bahembwa ari intica ntikize. Uwo mushahara w’intica ntikize ngo woba ariyo ntandaro y’ibiturire abajejwe intwaro basaba abo barongoye.
IX. Abateshejwe izabo bo muri site ya Gasenyi iri muri komine ya Rango, intara ya Kayanza barasaba Musenyeri wa Ngozi kubagarukirako mu guhagarika agatotezo bariko baragirirwa n’abarongoye paroisse Gasenyi. Patiri mukuru akaba yaramaze gusohora itangazo ribamenyesha ko bategerezwa guhagarika ibikorwa vy’urudandaza n’ubworozi bakorera muri site. Izo mpunzi zikabona ko ako ari agatotezo kugira basubire ku mitumba bavuyeko.
X. Kubwa Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, ngo leta n’irondere ikibanza kingana n’ico izo mpunzi zirimwo, gutyo paroisse ireke izo mpuzi zibereho mu mahoro. Kubwiwe abo bateshejwe izabo mu 1993 ntibaba muri iyo site kubera ari heza cane, n’uko bafise ubwoba bw’ugusubira mu vyabo kumvo z’umutekano wabo.
XI. Abanyagihugu b’abirimizi bo mu ntara ya Kayanza na cane cane abarimyi, ntibakiriye neza ingingo yaraye ifashwe kuri uwu wa gatatu n’umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi ijanye n’ugushinga ibiciro vy’ibifungurwa vyimburwa mu gihugu. Abarimyi basaba ko ubushikiranganji bw’uburimyi bwobareka bakiyumvikanira ibiciro n’abagurira.