Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 01/07/2023

Publié le 1 juillet 2023 par Rédaction
I. Umutamakazi w’imyaka irenga 60 yarazwi kw’izina rya Léoncie Minani, yaraye yishwe n’abantu bataramenyekana, mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu, akubiswe ikintu mu mutwe. Ivyo vyabereye mu gacimbiri Kagoma, umusozi Gitwa wa komine n’intara Kayanza. Amakuru atangwa n’abajejwe intwaro amenyesha ko mu kwica uwo muntu, abo bagizi ba nabi bamenye inzu imbere y’ukumusanga iyo yari aryamye. Akaba yarasanzwe yibana mu nzu kuko atigeze aja kwubaka. Aho mu ntwaro nyene bakamenyesha ko ababanyi b’uwo mukenyezi bari bamuzi neza, kuko yabana neza n’abandi. Muri kino gihe rero, abantu batanu bikekwako ico caha harimwo n’umukuru w’umutumba Gitwa, bakaba bafashwe kw’itegeko ry’umushikirizamanza wa Republika yari yahishikiye. Bakaba bajanywe mu nyamiramabi ku mvo z’amatohoza.
II. Kuri rino genekerezo rya mbere mukakaro umwaka wa 2023, Uburundi niho bwibuka imyaka 61 bumaze buronse intahe y’ukwikukira. Uwaharaniye iyo ntahe y’ukwikukira umuganwa Ludoviko Rwagasore yifuza ko inyuma y’abakoroni Uburundi bwoba igihugu kirangwamwo ubumwe, igihugu gitekanye kandi kirangwamwo iterambere. Yari yabivuze mw’ijambo ryiwe umugambwe UPRONA yaturukamwo uhejeje gutsinda amatora, hari kuwa 19 ukwezi kw’icenda umwaka wa 1961. Ico gihe yarateye akamo abategetsi ko bokora ku neza y’abanyagihugu bose.
III. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mw’ijambo yashikirije mu guhimbaza iyi sabukuru y’imyaka 61 Uburundi bumaze bwikukiye, yemeje ko Uburundi butarikukira mu bisata vyose na cane cane mu gisata c’ubutunzi. Asaba abarundi bose gushira inguvu hamwe mu rugamba rwo kugwanya ubukene.
IV. Akarenganyo mu bisata bitandukanye mu Burundi karacibonekeza naho igihugu gikwije imyaka 61 cikukiye. Akarenganyo nako kakaba kari mu bintu vyaranga intwaro y’abakoroni. Biri mu mwihwezo wa Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM. Uyo muhinga mu bijanye n’ubutunzi agatanga akarorero nko mu gutanga amasoko ya leta, hamwe no kuronka ubuzi bisigaye vyiziziwe n’akagwi kamwe k’abantu. Agasaba ko vyoranduranwa n’imizi, nk’ukwo biri mu ntumbero y’umukuru w’igihugu.
V. Umunsi wo kwikukira ushitse abarundi batishira bakizana. Ivyo bishikirizwa na bamwe mu barundi bahunze igihugu cabo, bari mu bihugu bibanyi baganiriye na Radiyo Inzamba. Bagasaba leta kurekura abarundi bafungiwe mu mabohero bazira ubusa, bakidegemvya.
VI. Inyifato mbi yaranze umugwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR mu bikorwa vyayo mu Burundi ntiyotuma urunani CFOR Arusha rwitaba ubutumire bwo guhura n’uwurongoye uyo mugwi mu gihugu c’Ububiligi. Bisigurwa na Jean-Bosco Rwigemera, icegera c’uwurongoye urunani CFOR Arusha ruhurikiyemwo abatavuga rumwe na leta. Ku bwiwe uyo mugwi uriko ukorera umugambwe CNDD-FDD, aho gukorera abarundi bose. Agasaba ko hoshirwaho uyundi mugwi unywanisha abarundi.
VII. Amahectare ataramenyekana y’imirima y’ibitoke y’abarundi bahungiye mw’ikambi ya Nyarugusu yazindutse iratemagurwa n’abatanzaniya. Ababibonye bemeza ko ico gikorwa kiba catunganijwe n’abajejwe intwaro ku barundi gusa, mu gihe iyo kambi isanzwe ibamwo n’abandi bahahungiye. Ivyo bikaba ari ibikorwa biherekeza amajambo adasiba kuvugwa n’abategetsi bategeka abarundi kwiyandikisha ku nguvu, kugira bakunde batahe iwabo. Izo mpunzi zigasaba ko zokwimurirwa mu kindi gihugu kugira barabe ko batosiga agatwe muri ico gihugu, mu gihe bama mu bwoba budahera.
VIII. Ikiganiro Kw’isôko c’uno musi gishimikira ku ngendo yo gushikanira umukuru w’igihugu utuganuke isa n’iyiriko iraba akamenyero kuva umugambwe CNDD-FDD ushitse ku butegetsi.

Ibindi bisa n'ibi