I. Amazu ane niyo yaraye aturiwe hamwe n’impene 8, mu gitero cabaye mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatanu ku mutumba Kabuye, zone Kankima, muri komine ya Mugongomanga, ni mu ntara ya Bujumbura. Ico gitero kikaba gikurikiye ikindi cari cabaye mw’ijoro rya hirya y’ejo ku wa kane.
II. Imisi itarenga 60 niyo abarundi bavugako bagiye kugwanya intwaro y’umukazo ya CNDD-FDD bahaye leta y’Uburundi kugira ngo ije mu nzira y’biganiro n’abo batavuga rumwe. Biri mw’itangazo urwo runani rw’abarundi rwasohoye kuri uyu wa gatanu. Jérémie Minani ari nawe yaruteyeko igikumu, amenyesha ko hamwe iyo Leta yokwica amatwi iyo misi igahera ata biganiro bibaye, hazoca hafatwa izindi ngingo.
III. Uno munsi niho hahimbajwe umunsi mukuru wahariwe ikomine mu Burundi. Abakuru b’imitumba 28 bo muri komine Gashoho, intara ya Muyinga bawuhimanje mu mubabaro urengeje, ngo kuko bamaze imyaka ibiri n’igice bataronka agashirukabute kabo ko ku kwezi ku kwezi. Isoko ryacu ritumenyesha ko kiretse abo barongoye imitumba, ngo n’abandi bakozi ba komine Gashoho barangurira imirimo yabo mu biro, bamaze amezi ane bataronkejwe agashahara kabo. Abo batware barongoye imitumba hamwe n’abo bandi bakozi, bakagiriza Désiré Bigirimana, yahora arongoye komine Gashoho ko yashize imbere inyungu ziwe, mu kwubaka amazu no kugura imodoka nziza nziza, agashira ku ruhande ineza y’abakozi yari ajejwe. Ntitwashoboye kuronka uwo yahora ari musitanteri ngo agire ico abivugako.
IV. Abanyeshure b’impunzi bo mw’ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzania ntibazosubira kuronswa ibikoresho vy’ishure nkuko vyahora, uko igice c’umwaka w’ishure gitanguye. Ivyo vyamenyeshejwe n’abajejwe indero muri iyo kambi ejo ku munsi wa gatanu, aho bari baramutse batanga amanota y’igice ca kabiri muri iyo kambi.
V. Impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi ya Mulongwe mu gihugu ca Congo ziratewe amakenga n’ubusuma hamwe n’igurishwa ry’ibikoresho vyo munzu, bibera mur’iyo kambi. Ni mu gihe izo mpunzi zimaze igihe zitaronswa imfashanyo y’imfungurwa n’ishirahamwe HCR. Abarongoye izo mpunzi barizera ko ico kibazo kigiye gutorerwa umuti vuba, kuko bakivuganye n’ababijejwe ku rwego rwo hejuru.
VI. Uretse mu makambi y’impunzi, ibisagara bitandukanye vy’igihugu c’Urwanda ubisangamwo bamwe mu mpunzi z’abarundi. Mu buraruko bw’Urwanda, neza na neza mu karere ka Rubavu, umugwi utegura ikiganiro ‘’Kw’Isôko’’ waragendeye bamwe mu babeshejweho n’umwuga wo gucuraranga n’ukuririmba. None boba bavyifatamwo gute muri ico gihugu cabakiriye? Ubuzima bwabo bwifashe gute muri kino gihe havugwa ikiza ca Coronavirus?