Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 01/08/2022

Publié le 1 août 2022 par Rédaction
I. Hari impunzi y’umurundi yatowe ikiziga kuri uyu w’Imana muri site y’i Mulongwe mu gihugu ca Congo iharanira demokarasi. Abamubonye bavuga ko yishwe acumiswe imbugita mu gihe yari yagiye kuraba umurima wiwe w’itomati. Umubabaro ni mwinshi mu mpunzi, na cane cane ko haguma hatorwa ibiziga, abakoze amarorerwa ntibamenyekane, kandi hitwa ko hariho inzego z’umutekano.#
II. Imyidogo ni myinshi ku banywanyi b’umugambwe CNL bo muri komine Buyengero mu ntara ya Rumonge. Ni mu gihe baraye babujijwe n’umunyamabanga wa musitanteri ari kumwe n’igipolisi, gukora inama yahuza abanywanyi b’uwo mugambwe muri iyo komine. Amakuru dukura muri iyo ntara avuga ko atari ubwa mbere iryo juragizwa ry’abanywanyi w’umugambwe CNL ribaye muri iyo ntara. Bagasaba buramatari w’intara ya Rumonge gukurikiranira hafi ico kibazo, mu gukurikiza amategeko agenga imigambwe.
III. Kubwa Agathon Rwasa arongoye uwo mugambwe CNL, avuga ko gutunganya amanama n’amakoraniro ari uburenganzira bw’umugambwe wose wemewe n’amategeko mu Burundi. Ivyo Agathon Rwasa arongoye CNL yavyibukije ejo mu ntara ya Kayanza aho yari yagendeye abanywanyi b’uwo mugambwe; aho yiyamirije itotezwa ryama ririko riragirirwa abanywanyi b’umugambwe wiwe mu gihe baba bariko baratunganya ibikorwa vy’uwo mugambwe. Avuga ko ivyo biteye kubiri n’umubano mwiza hagati y’imigambwe.
IV. Imyidogo ni yose mu bayangayanga bo mu ntara ya Kayanza, kubera itegeko riherutse gusohoka rivuga y’ukwo ibitungwa baza kubaga babanza kubishira mu kibanza cavyo indwi yose. Abo bayaganyanga bavuga ko gutwara inka mu kibanza cazo bibatuma bahomba kubera bazirihira ivyo zirya indwi yose hamwe no guhemba abazicungera. Basaba ubushikiringanji bw’ubworozi gusubiramwo iyo ngingo.
V. Haribonekeza imvugo z’ibihushane ku kibazo c’ubukene bw’ifumbire ya FOMI. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye avuga ko ifumbire yakenye kubera abikika mu kiza bagaca baja kuyicuruza ku giciro c’umurengera. Aha yagiriyeko abagabisha ko ababikoze bategerezwa kubihanirwa. Ivyo akaba abishikirije mu gihe umuvugizi wiwe, Alain Diomède Nzeyimana, yari aherutse kumenyesha ko ubukene bw’ifumbire bwatumwe n’ukwo akamo umukuru w’igihugu yateye abanyagihugu ko kuja ku kivi mu kugwiza umwimbu, bakitavye ari benshi bituma ifumbire ikena.
VI. Mu mupira w’amaboko Basketball, umugwi wa Remesha waratahukanye kuri uyu w’Imana igikombe c’ihiganwa ryateguwe n’ihuriro ry’amashirahamwe y’ubwishingizi mu Burundi.  Mu mupira w’amaguru naho, Uburundi bwarakuye akarenge mw’ihiganwa ry’inkino z’igikombe ca Afrika mu bakinyi bakinira mu mahiganwa iwabo (ivyo bita CHAN mu gifaransa).

Ibindi bisa n'ibi