Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 01/09/2023

Publié le 1 septembre 2023 par Rédaction
I. Abantu 15 ni bo bamenyekanye ko bagandaguwe, 11 na bo barahagaritswe bidakurikije amategeko, abandi 2 baranyurujwe hamwe n’abandi 10 basinzikarijwe ubuzima. Ivyo tubisanga mu cegeranyo c’ukwezi kwa Myandagaro twaraye dusozereye casohowe kuri uyu wa gatanu n’ishirahamwe rukristu ACAT-Burundi rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi. Urwaruka rw’imbonerakure ruravugwa ko bafise uruhara mw’igandagurwa ry’abo bantu. Anitha Gateretse, umuhuzabikowa muri iryo shirahamwe, avuga ko ACAT-Burundi itangazwa cane n’imvugo iherutse gushikirizwa n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ku munsi wahariwe imbonerakure, ko ashigikiye ibikorwa vyazo kandi na zo zidasiba gukora amabi y’ubwicanyi n’ayandi.
II. Abakozi 9 bo mu gisata c’ubutungane mu ntara za Gitega na Karusi barapfungiwe mw’ibohero rya Gitega kuva kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 31 z’ukwezi kwa Myandagaro uno mwaka. Abo bakozi harimwo n’abacamanza, ico bapfungiwe nyezina gushika ubu ntikiramenyekana, ariko amakuru ava muri iryo bohero akavuga ko iryo pfungwa rifitaniye isano n’amatohoza ajanye n’ibiturire.
III. Amafranga Leta yategekanije kuzokoresha mu mwaka wa 2023 ushira 2024 ni umurengera. Ivyo bivugwa n’abanyagihugu bo mu ntara ya Kayanza, aho bavuga ko abanyagihugu ari bo bizogirako inkurikizi na rirya ayo mafranga yose azova mu makori n’amatagisi. Leta imaze kuduza amakori n’amatagisi, ngo n’umudandaza na we azoca aduza ibiciro. Ivyo na vyo bikaza bisongera isibe ku bukene butagira izina abanyagihugu basanzwe barimwo muri kino gihe.
IV. Itunganywa ry’amafranga leta izokoresha mu mwaka wa 2023-2024 risa n’uko ritisunze ibihe bibi igihugu kirimwo. Ivyo binegurwa n’umuhinga mu vy’ubutunzi, André Nikwigize. Aho atangura kwerekana ibimenyetso bitari bike vyerekana uko ubwo butunzi buzingamye, ahereye ku kungene ibiciro biduga umunsi ku munsi, ubukene bw’abanyagihugu, agatangazwa n’uko ibisata vyofashije ko iterambere rishoboka vyibagiwe.
V. Ikindi n’uko iryo tunganywa ry’amafranga azokoreshwa na leta ritegekanya amakori uwo muhinga avuga ko ari umurengera, ufatiye kuri ubwo bukene nyene bw’abanyagihugu. André Nikwigize, akabona ko iyo nteguro ata ntumbero yo guteza imbere igihugu ifise, ahubwo ifise izindi ntumbero zitavuzwe.

Ibindi bisa n'ibi