Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 01/10/2020

Publié le 1 octobre 2020 par Rédaction

I. Imiyabaga itatu yo mu miryango y’abatwa iri mu minwe y’igipolisi ca komisariya ya komine Vugizo, mu ntara ya Makamba. Bahagaritswe n’imbonerakure ku muhingamo wo kuri uyu wa kabiri, bakaba babanje kubaboha no kubakubita buyoka, imbere y’uko babashikana ku wutwara igisirikare muri ako karere. Bakaba bagirizwa kuba bari mu mihari igwana.

II. Urunani rw’amaradiyo RPA, Inzamba, na Télévision Renaissance rwaratunganije itohoza ku vyaranguwe n’umukuru w’igihugu General Major Evariste Ndayishimiye, mu buzima bwose bw’igihugu, muri ano mezi atatu amaze ku butegetsi. Muri iryo tohoza ryitabwe n’abantu 421, ibice birenga gato mirongo itandatu kw’ijana, babonako umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ata kigaragara yaranguye muri ano mezi atatu aheze.

III. Igenekerezo rya mbere ukwezi kw’icumi, amakungu arahimbaza umusi mukuru wahariwe abageze mu zabukuru. Uwo musi ukaba washinzwe mu ntumbero yo gushira ahabona ingorane abatama n’abatamakazi bagira, bamaze kuba Ntantege, n’iki catumye ishirahamwe ONU rihagurukira agateka k’abageze mu zabukuru?

IV. Uwo musi mpuzamakungu wahariwe abageze mu zabukuru wahimbarijwe mu ntara ya Bubanza, muri komine ya Gihanga ku civugo «Turi kumwe twese, twame na ntaryo twitwararika abageze mu zabukuru». Imelde Sabushimike, umushikiranganji wo gufatana mu nda, akaba yamenyesheje ko ibigo bitunze abageze mu zabukuru bizofashwa mu kubironsa imfungurwa no kubavuza. Yanamenyesheje ko bagiye kuzoshira mu ngiro ingingo zafashwe n’umukuru w’igihugu. Nazo akaba ari ukuvuza kubuntu abageze mu zabukuru, no kuduza amafaranga aronswa abakukurutse.

V. Abapolisi batanu harimwo intwazangabo n’ibisongerezi bibiri, hamwe n’abapolisi bandi babiri basanzwe, baraye baciriwe gupfungwa umunyororo uva ku myaka itanu kugera ku myaka 20, na sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa mu rubanza rw’ikibiriraho. Abo bapolisi bagirizwa kugandagura umuntu babanje kumuboreza igufa, no gusinzikariza ubuzima uwundi muntu. Iyo sentare ikaba yari ishashe mw’ibohero rya Muramvya.

VI. Ikiziga c’umuntu w’umugabo caratowe mu nzu iri muri karitiye Makamba ya 2, iri ku mugwa mukuru w’iyo komine ya Makamba, hari ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu, igihe c’isaha 2 z’ijoro. Mu ntara ya Mwaro naho, havugwa umukozi aba muri karitiye Kagoma, ku musozi Gihinga, wa komine Kayokwe, yaraye arashwe arakomereka muri iri joro ryakeye n’umuntu ataramenyekana.

Ibindi bisa n'ibi