Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 01/11/2019

Publié le 1 novembre 2019 par Rédaction

Uyu musi ugize uwa cumi na rimwe abamenyeshamakuru b’ ikimenyeshamakuru iwacu batawe mu mvuto hariya mw ibohero ry’intara ya Bubanza. Christine Kamikazi, Agnès Ndirubusa, Thérence Mpozenzi, Egide Harerimana na Adolphe Masabarakiza bafashwe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu bafatiwe muri komine Musigati aho bari bagiye gutohoza ibijanye n’igitero c’abitwaje ibirwanisho cari cabaye mu ntara ya Bubanza. Ku musi w’ejo wa kane  sentare ya bubanza ikaba yafashe ingingo yo kubagumiza mu munyororo bakaburana ariyo bava, ariko umushingwamanza wabo akaba ategekanya kwunguruza kuri iyo ngingo.

Ishirahamwe rukritsu rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi ACAT, ryakiriye n’umubabaro ingingo yo kugumiza mu munyororo abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru IWACU n’umu chauffeur wabo. Mw’itangazo ryashizwe ahabona kuruno wa gatanu, ACAT-Burundi ngw’iyo ngingo ije yiyongera kuzindi zihohotera abaharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru bigenga bikozwe na leta. ACAT-Burundi isaba abacamanza bo mu gisata c’iyungururizo gutumbereza intahe. Umushingwamanza Jean Claude NTIBURUMUNSI wo mu gisata c’amategeko muri ACAT Burundi.

Tubibutse ko icariho c’umushikirizamanza mukuru mu ntara ya Bubanza Jean Marie Vianney NTAMIKEVYO ariwe  yagirije bagenzi bacu gukorana n’abashaka guhungabanya umutekano w’igihugu.

Abagabo babiri bavukana Fulgence NAHINDAVYI na mukuruwe Astère NDAYISABA bafungiwe mu gasho k’igipolisi mu RUMONGE kuva kw’igenekerezo rya 24 gitugutu umwaka w’2019. Bakaba bahagaritswe n’igipolisi kirikumwe n’abakozi b’iperereza muri iyo ntara. Fulgence NAHINDAVYI akaba yagirijwe gukorana n’imirwi irwana iherutse gutera mu ntara ya BUBANZA.

Umukuru w’ igihugu yatowe n’abanyagihugu  ahejeje ikiringo ciwe agiye guhabwa uburusho buza   busubirira ubwabahoze ari abakuru b’igihugu baca baba abakenguzamateka ubuzima bwabo bwose, uburusho ibwirizwa nshingiro rishasha rihari ryabakuyeko. Ivyo vyemejwe n’inama nshikiranganji yakoranye kuri uyu wa gatatu. Frederiko BAMVUGINYUMVIRA yahoze ar’ icegera c’umukuru w’igihugu amenyeshako umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yiraba wenyene, ngo ntibitahurika ingene yigiza kure abandi bakuru b’igihugu, akibagirako nawe ikiringo ca gatatu arangije giciye kubiri n’ibwirizwa nshingiro.

Umuyobozi w’indero muri Komine ya Rutovu mu ntara ya Bururi aragirizwa kuba ariko arakora ibikorwa vyokwinjiza abanyeshure mu mugambwe CNDD-FDD, mugutera ubwoba ko abatavyemeye batazomenya ngo bunguruzwe.  Liberat Ntibashirakandi umuhinga mu vy’indero ariyamiriza iyo nyifato y’uyo muyobozi yo kuzana ivya politike mumashule ngo kuko bifise n’inkwirikizi mbi cane mubijanye n’ubumenyi kuko haca hakora ka mwana wa mama. Liberat Ntibashirakandi asaba nyabuna abarundi bose na cane cane umushikiranganji w’indero gufata mu minwe ico kibazo c’inkoramutima ku bijanye na kazoza k’igihugu. Liberat Ntibashirakandi. 

Abavyeyi barereye mu mashure shingiro ari muri komine Gitega baridoga ko bariko batozwa amafaranga 1000 ku mwana ku mwana babwirwa ko ari ayo guhemba abigisha b’abakorera bushake. Bakavuga ko bayatswe batabanje kugishwa inama, bakemeza kandi ko abo bakorera bushake aba ari imbonerakure zitagira ubumenyi bukwiye bwo kwigisha. Abo bavyeyi bakabona ko ari ubusuma bariko baragirirwa na rirya ngo ata n’umugwi washizweho utunganya uko yokoreshwa. Ayo mafaranga akazorihwa gatatu mu mwaka.

Impunzi z’Abarundi bahungiye mu gihugu ca ZAMBIA zivuga ko zirenganywa mu vyo zifitiye uburenganzira.  Akarorero ka hafi akaba ari urupapuro ruha uburenganzira abahejeje amashure mu gihe haheze ukwezi izindi mpunzi ziruronswa.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa arahakana uruhara rwiwe yagirizwa n’ababa ku buterere ko ari mubaja guta imicafu mu mihana yo ku buterere. Iruhande y’imyidogo y’abanyabuterere ko imicafu baza kuhata ibateye ingorane, muri zone ya cibitoke bo bidoga ko amashirahamwe yahora aza gutwara imicafu bamaze hafi indwi 3 bataza, bagatinya ko imicafu imaze ico gihe cose imbere y’amazu yabo ashobora kubateza ingwara zivuye kw’isuku rike.

Ibindi bisa n'ibi