I. Nta bibazo bizosubira kurungikirwa urwaruka rw’abanyeshure b’abarundi bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya. Vyashikirijwe kuri uyu wa mbere n’umushikiranganji ajejwe indero mu Burundi. Imvo ngo n’ukwo izo mpunzi zikwiye gutaha zikabandanyiriza amashure mu Burundi, kuko umutekano ari wose. Ivyo biraterwa ivyatsi n’abaharanira agateka k’impunzi. Ku bw’ishirahamwe CBDH-VICAR, ngo ni ibintu bitangaje cane kuko kuva mu mwaka wa 2015, ata Leta y’Uburundi yigeze itanga ivyo bibazo, ko ahubwo ari uwundi mukenyuro wo gutahukana izo mpunzi ku nguvu.
II. Umushikiranganji w’indero François Havyarimana aravunira akagohe uwo wese yaronse ingurane ya leta igihe yari muri kaminuza, ubu akaba yararonse akazi, kwishura iryo deni. Ivyo akaba yabishikirije mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere, ashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu gice ca mbere c’umwaka. Arongera akamenyesha ko igihe ayo mafranga yokwishurwa neza, azoheza agafasha abandi banyeshure bari inyuma yabo.
III. Umuyobozi mwishikira ajejwe ibibazo vya gisirikare mu biro vy’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, lieutenant général Silas Ntigurirwa kuri uyu wa mbere yaragendeye igihugu ca republika y’intwaro rusangi ya Congo. Amakuru ava mu biro vy’umukuru w’igihugu akavuga ko prezida Evariste Ndayishimiye yamurungikanye ubutumwa budasanzwe arungikiye mugenziwe wa Congo Antoine Félix Tshisekedi. Urwo rugendo rukaba rubaye mu gihe intambara ikomeye mu buseruko bwa Congo na cane cane muri Kivu yo mu buraruko, aho umuhari M23 uriko ufata ibice vyegereye igisagara ca Goma. Abasirikare b’Uburundi nabo bakaba bamaze igihe kingana hafi umwaka mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko.
IV. Kw’igenekeezo rya mbere munyonyo abakristu barahimbaza umusi wahariwe abatagatifu. Umwepiskopi wa diyoseze ya Bujumbura yahamagariye abakristu bose kwemera kuzira ukuri be n’ubutungane, kuko ari inzira izobashikana mu bwami bw’ijuru. Ako niko kamo katewe na Musenyeri Gervais Banshimiyubusa, ahamagarira kandi abakristu kutaba ba ntirumveko. Hari mu nkuka y’imisa yasomwe muri Cathédrale Régina Mundi.
V. Imyidogo ni yose mu banyagihugu bo muri komine Giteranyi mu ntara ya Muyinga. Abo banyagihugu bamaze imyaka ine batagira amazi meza kandi hariho umugambi wari watsindiye gushikana amazi ngaho mu Giteranyi, ariko amaso ahera mu nzira. Basaba abegwa n’ico kibazo kugitorera umuti mu maguru masha.
VI. Sentare ya Rutana yaraye ifashe ingingo yo kugumiza mu munyororo Nibigira Nestor, umudandaza akaba n’umunywanyi akomeye wa CNDD-FDD avuka muri komine Giharo. Yagirizwa kudandaza bidaciye mu mategeko ifumbire, isukari hamwe n’ibinyobwa bitemewe n’amategeko.