I. Turi kw’igenekerezo rya mbere Kigarama, akaba ari itariki yahariwe kugwanya ikiza ca Sida kw’isi. Mu Burundi, bitegekanijwe ko ibirori vy’uwo musi, bizobera I Gitega kw’igenekerezo rya 6 kuno kwezi, nk’uko urwandiko rw’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya umugera wa sida rubimenyesha. Icivugo c’uno mwaka kikaba ari “amashirahamwe yegereye abanyagihugu aritanga kurusha”. Icivugo gikeza amashirahamwe ahurikiyemwo abaremeshakiyago, amashirahamwe y’abagendana umugera wa Sida, abakenyezi n’urwaruka tutibagiye abavuzi. Mu Burundi, mu mpera z’umwaka w’2017, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwamenyesheje ko abantu bagendana uwo mugera bagera ku bihumbi mirongo umunani (80), n’ukuvuga musi y’igice kimwe kw’ijana (1%) c’abanyagihugu. Ivyo bitigiri bikaba vyari vyagabanutse ufatiye kuvyo mu 2003 aho vyababa ibice 3% vy’abanyagihugu.
II. Abanywanyi b’umugambwe CNL babiri bo ku mutumba Iteka muri komine Nyabihanga, intara ya Mwaro bapfungiwe mu gasho k’igipolisi ka komine, kuva kuri uyu wa gatanu. Bagirizwa gukoresha inama yo mw’ijoro, ariko abo muri uwo mugambwe bakavugako ari irementanya bagiriwe.
III. Abanyagihugu bo muri zone Kibungere muri komine Nyabihanga, muri iyo ntara nyene ya Mwaro, baratekewe n’ubwoba biturutse ku ma karashishi akorwa n’urwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD. Amakuru ava muri iyo zone akavuga ko bagenda bararirimba indirimbo zitera ubwoba abo badasangiye ivyiyumviro vya politike.
IV. Uno wa mungu ugize umunsi ugira 41 abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru IWACU bafunzwe. Christine Kamikazi ; Agnès Ndirubusa ; Térence Mpozenzi na Egide Harerimana, bafashwe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu uwu mwaka, bagiye gutohoza amakuru ku vyerekeye igitero c’abareberi i Musigati mu ntara ya Bubanza. Abo bamenyeshamakuru, babanje guhagarikwa baja gufungigwa mu gasho ka komine Bubanza, mu nyuma bungururizwa mw’ibohero rikuru ry’intara ya Bubanza. Bakaba bagirizwa gukorana n’abagizi ba nabi no guhungabanya umutekano w’abanyagihugu.
V. Umuhari Ligue Iteka usaba ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR, kugarukira impunzi zo mw’ikambi y’i Nyarugusu zugarijwe n’ubukene bw’imiti. Emmanuel Nibizi, icegera c’umukuru w’umuhari Ligue Iteka aributsa ishirahamwe HCR ko igikorwa cayo gikuru ari kwitaho ineza y’impunzi. Uwo muhari ugasaba HCR kubikurikiranira hafi, amazi atarareng’inkombe.
VI. Umuntu umwe yarishwe mu ntara ya Makamba, uyundi mwana arafatwa kunguvu muri komine Mutaho y’intara ya Gitega. Ivyo tubisanga mu cegeranyo c’isekeza SOS torture Burundi, mu cegeranyo cayo co muri ino ndwi turiko turasozera. Abagirizwa ayo mabi akaba ari abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD na cane cane urwaruka rw’imbonerakure.