I. Ibice 30% vy’abagendana umugera wa SIDA mu Burundi basanganwa indwara z’igitigu Hépatites B na C, ari naco gituma hakenewe guhimiriza abanyagihugu kugira abandura bagabanuke. Akamo gaterwa n’umushikiranganji w’amagara y’abantu n’ukurwanya SIDA, muganga Thaddée Ndikumana. Hakaba hari mu birori vyo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wo kurwanya SIDA. Uburundi ngo bwihaye ihangiro bw’uko mu mwaka wa 2030 ata muntu azoba acandura umugera wa SIDA.
II. Intambwe ni nziza mu mugambi wo kurwanya ikiza SIDA mu Burundi. Ivyo ni ivyemezwa n’umupfasoni Jeanne Gapiya, afatiye ku bitigiri igihugu kigezeko mu gupimwa no kuronswa imiti mu gihugu. Uwo arongoye ikigo ANSS asigura ko ibice 90% ari rwo rugero rw’ibitigiri ku bakuze bamaze gupimwa no kuronswa imiti, ariko ku bana banduye ngo biracari kuri 45 %. Jeanne Gapiya avuga ko bikwiye ko hongerezwa inguvu ku mice y’abantu bamwe bamwe.
III. Kubijanye n’uko ikiza ca COVID 19 kitoba caje gisongera isibe mu gukingira umugera wa SIDA, Jeanne Gapiya asigura ko ubwoba bwari buhagaze ko imiti ishobora kubura kuko ikibuga c’indege cari cugaye, ariko ngo siko vyahavuye bigenda. Iyo migera ibiri ngo babandanya kuyigwaniriza hamwe. Jeanne Gapiya.
IV. Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru Econet-leo NEPIA JARAVAZA amaze hafi indwi apfungiwe mu gasho k’iperereza i Bujumbura. Bimwe mu vyo yagirizwa akaba ari ubusuma mu ruyeri n’ubwenge, bw’amafaranga mu karere ka Afrika y’ubuseruko. Abegereye ishirahamwe Econet-leo rirongowe n’uwo munyagihugu ava mu gihugu ca Zimbabwe, bavuga ko ivyo yagirizwa ari ibinyoma kuko bidafise ifatiro. Bavuga nyabuna ko hoba hari bamwe mu bihangange mu gihugu no mu mugambwe uri ku butegetsi, boba bamusavye amafaranga nawe akaba yoba atayabahaye, kuko yabona ko bishobora gutuma ishirahamwe arongoye rihomba. Uruganda rwa radio Inzamba agateka kawe ntirurashobora kuronka umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro mu gihugu n’umutekano, ngo amenyeshe icoba gituma uwo muyobozi mukuru apfunzwe.
V. Bamwe mu miryango, incuti n’abagenzi b’abanyororo bo mw’ibohero rya Muyinga baridogera uwurongoye iryobohero ko atoranya abaja kuraba ab’abo bapfungwa. Uko gutoranya kukaba gufatira ku bwoko n’umugambwe umupfungwa aturukamwo. Imiryango ifise ababo ngaho mw’ibohero rya Muyinga, igasaba ubuyobozi bukuru bw’amabohero gusubiza ku murongo uwo arongoye ibohero rya Muyinga. Serges Nsabuwandemye arongoye ibohero rya Muyinga tukaba twagerageje kumuhamagara kuri telephone yiwe ngendanwa kugira tumubaze kuvyo yagirizwa, ariko ntivyakunda.
VI. Bamwe mu banyagihugu bo muri komine n’intara ya Gitega baridogera abarongoye iyo komine, ko bariko babasaba intererano y’amafaranga agera ku bihumbi bibiri ku nguvu kuri umwe umwe, kugira inyubakwa ya Kaminuza y’abigenga, Université polytechnique de Gitega iheze kubakwa. Abo banyagihugu bakabaza igituma baterera mu kubaka ishure ry’abigenga kandi rifise ba nyeneryo.
VII. Impunzi z’abarundi zavuye mw’ikambi y’agateganyo Mongemonge mu gihugu ca Congo zazindutse zugariza ibiro vy’ishirahamwe rikorana na PAM mu vyo kugaburira impunzi AIDES, mu ntumbero yo gusaba imfungurwa kuko bagiye kwicwa n’inzara. Izo mpunzi zikaba zimaze imisi itanu zishikanywe mw’ikambi ya Mulongwe. Zivuga ko zishwe n’inzara kuko babahaye ibifungurwa vy’imisi itarenga ine.