Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 01/12/2022

Publié le 1 décembre 2022 par Rédaction
I. Umwana w’umwigeme w’inyaka 15 yarakomerekejwe kuri uno wa gatatu mu gisagara ca Ngozi n’umugabo w’umwarabu. Uyo mwana akaba yazize y’uko aramukije uyo mugabo ngo yambu muzungu. Nyene gukora icaha ari mu minwe y’igipolisi i Ngozi.
II. Mu ntara ya Rutana, amazu 54 y’abanyagihugu, ibitaro bikuru vya komine Mpinga-Kayove hamwe n’uburaro bw’abakozi b’ivyo bitaro n’imirima igizwe n’ibitoke hamwe n’ibiti, ni vyo vyaraye bihitanywe n’umuyaga w’igihuhusi ku muhingamo wo kuri uyu wa gatatu. Abantu bagera 194 na bo barakozweko n’uwo muyaga nk’ukwo amakuru dukura muri iyo komine abivuga. Imitumba yakozweko ikaba ari 4 ari yo Muganza, Mpinga, Gihinga na Mirehe. Uwo muyaga ngo warahitanye impene ku mutumba Mugaza. Uwo muyaga ukaba ata mvura wari uyirimwo nk’uko ayo makuru abandanya abimenyesha. Imiryango yakozweko n’uwo muyaga ubu ngo ikaba iri mu kangaratete, igasaba guhabwa ibisakazo na rirya ari igihe c’imvura.
III. Hari amatoni arenga gato 13 y’ibigori yari yibwe mu nyubakwa y’ikigo ANAGESSA ca komine Tangara cari cegeranirijemwo umwimbu, yaragarujwe kuri uwu wa gatatu inyuma y’aho habereye igikorwa c’ugusaka mu ma mangazini y’abadandaza b’aho nyene i Tangara. Mu ntwaro aho muri komine Tangara bakavuga ko vyari vyanyurujwe n’uwari ajejwe ububiko bwavyo. Muri kino gihe akaba apfungiwe muri komisariya y’igipolisi mu gisagara ca Ngozi. Buramatari w’intara ya Ngozi, Emmanuel Ntaconsanze, akaba anegura inyifato y’uwo yari ajejwe ubwo bubiko, agasaba ko hakorwa amatohoza kugira uwo ari we wese yoba yaragize uruhara muri ubwo busuma ahanwe hisunzwe amategeko.
IV. Leta ya Republika iharanira intwaro Rusangi ya Congo co kimwe n’ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR, babwirizwa gukingira impunzi z’abarundi ziri ku butaka bw’ico gihugu ziriko zirahohoterwa, nk’uko biri mu mategeko mpuzamakungu akingira impunzi. Bishikirizwa n’umuhari Inamahoro w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Ni mu gihe mw’ikambi ya Lusenda hamaze imisi higaragaza abakenyezi bafatwa ku nguvu n’abagwanyi bo mu migwi y’aba Maï Maï n’abanyamulenge. Marie Louise Baricako arongoye umuhari Inamahoro amenyesha ko bitabaca intege bazokwama basemerera mu kwamirira kure ako kabi kabishe.
V. Impunzi z’abarundi bahungiye i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya ziridoga zivuga ko iyo bagiye kwivuza badatunganirizwa neza. Abo barundi bavuga ko babatuka, bakabaha imiti itajanye n’indwara bagwaye, na yo abakeneye kwunguririzwa mu bindi bitaro bakamara umwaka batungurujwe. Bagiriza ishirahamwe ritabara imbabare Croix Rouge rijejwe igisata c’ubuvuzi muri iyo kambi ko ritabitunganya neza.
VI. Uburundi bugeze ku ntambwe ishimishije mu kurwanya ikiza ca SIDA. Ivyo n’ibimenyeshwa na muganga Olivier Nijimbere, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya ikiza Sida. Ni mu gihe igenekerezo rya mbere ry’ukwezi kwa 12 ryahariwe umunsi mpuzamakungu wo kurwanya ikiza ca Sida. Olivier Nijimbere avuga ko ibice mirongo icenda kw’ijana vy’abagendana uyo mugera bari ku miti, kandi ko ibipimo vyerekana ko ata mugera bagifise. Mwomenya ko uyo munsi uzohimbazwa mu Burundi kw’igenekerezo rya munani ku mugwa mukuru wa politike mu ntara ya Gitega.

Ibindi bisa n'ibi