I. Komine ya Bururi isigaye iramutswa uwahoze ari umuhanuzi wa musitanteri muvy’imibano n’intwaro Jean Claude Niyomwungere. Akaba yabaye arashirwa muri ico kibanza, mu kurindira ko musitanteri Nestor Nijimbere asubirizwa, inyuma y’aho yatangiye imihoho. Uko gutanga imihoho bikaba birimwo igipfungu cinshi; bamwe bakavuga ko yaremerewe n’abanyamugambwe ba CNDD-FDD akomokamwo, ahandi bikavugwa ko yakuwe kubera yivye amatungo ya komine Bururi.
II. Abigisha bari mu Burundi bariyamiriza ivyaraye bishikirijwe na Victor Ndabaniwe arongoye urunani rw’ama syndicats y’abigisha COSESONA, aho avuga ko barungitse impapuro mu ntara z’ukuzuza kubifuza kuva muri urwo runani. Kubw’abo bigisha, ngo ntivyumvikana ingene bova mu kintu batasavye kwinjiramwo. Bagatinya ko vyotuma babonwa n’ubutegetsi nk’abagarariji, kuko ku bwabo, ngo iyo COSESONA biraboneka ko ishigikiwe n’ubutegetsi.
III. Kubwa Eulalie Nibizi yahoze arongoye syndicat STEEB, abaserukira abigisha muma syndicats atandukanye bategerezwa kubanza gusigurira abo bigisha bakamenya iciza c’urwo runani, niyo ayo mafranga ajanwa. Eulalie Nibizi aratwereka n’ingene umwigisha yinjira muri syndicat hakurikirijwe amategeko.
IV. Abakenyezi bibungenze bahungiye mw’ikambi ya Mulongwe iri muri repubilika ya demokarasi ya Congo, baridoga ko badafise ikibunguruza iyo bagiye kwibaruka. Haraheze amezi 10 rusehabaniha yahora ifasha muri ico gikorwa yarahagaritse kubatwara. Umukenyezi aca ajanwa n’amaguru kwibaruka uwibarukiye mu nzira nawe akaca arihishwa amadolari 5 ashitse kw’ivuriro.
V. Abarongoye ama zones yo mw’ikambi y’impunzi ya Nduta iri muri Tanzania, barahimirijwe kugira bigishe abarundi batahe mu gihugu cabo. Ivyo vyavugiwe mu nama yo kuri uyu wa 1 Kigarama bagirishijwe n’umunyamabanga w’akarere ka Africa y’ubuseruko, hamwe n’umunyambanga w’ubushikiranganji bwa Tanzania bw’imigenderanire. Umwe mu mpunzi ziri muri iyo kambi, asaba amakungu gukurukirana ivyo bikorwa vya Tanzania kuko n’ubu ico bahunze kikihari mu gihugu.
VI. Ubushikiranganji bw’umutekano bumenyesha ko iminsi mikuru yo guheza umwaka yahimbajwe mu mutekano ntangere. Ubwo bushikiranganji bukavuga ko n’amasanganya yagabanutse cane ugereranije n’ayahora aba mumyaka iheze. Kurikira icegera c’umuvugizi w’ubwo bushikiranganji Moise Nkurunziza.