I. Gaston Sindimwo icegera ca mbere ca Petero NKURUNZIZA yaraye yemeje nawe nyene mw’ikoraniro kaminuza rya UPRONA, ko isura y’igihugu c’U Burundi icafuye. Akaba yavuze ko aramutse atowe kurongora U Burundi, azokwihutira kugarukana isura nziza y’igihugu, mu makungu. Ariko Frederic Bamvuginyumvira, icegera c’uwurongoye urunani CFOR ARUSHA, kandi nawe yahoze ari Icegera c’umukuru w’igihugu, abona ko ivyo Gaston Sindimwo atashoboye akiri icegera c’umukuru w’igihugu, atobishobora atowe kurongora igihugu.
II. Inkaratasi 12 zisabwa abazoja mu matora y’abahanuzi b’ama komine, mu mugambwe Sahwanya Frodebu, babona ko ari amananiza. Phenias Nigaba, avugira uwo mugambwe, asaba CENI kugabanya izo mpapuro hagasigara izo umuntu arondera muri komine gusa, kugira abipfuza kwitoza bose ntihagire uwubibuzwa n’amikoro.
III. Abanyeshure 8 b’impunzi z’abarundi bariko biga mu gihugu c’Ubufransa babifashijwemwo n’ikigo Maison Shalom, bararonse impapuro z’umutsindo kuri uyu wa gatandatu mu bisata bitandukanye vyo muri Kaminuza ya Lyon. Bamwe muri bo, bagiye kubandanya mu gisata ca Master, abandi nabo ngo bazoca barondera akazi. Epipode Gashema, n’umwe muri abo banyeshure baronse impamyabushobozi kuri uyu wa gatandatu.
IV. Imiryango y’abantu bataramenyekana igitigiri, bafashwe mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya mbere Ruhuhuma, ahitwa Kiremba, muri district Kibondo, muri Tanzaniya, barahagaritswe umutima n’ingene ababo bamerewe. Batandatu muri abo barekuwe kuri uyu w’Imana. Amakuru yegereye iyo miryango akemeza ko boba bariko barasinzikarizwa ubuzima mu busho bwo muri Tanzaniya.
V. Uyu musi ugize uwa 104, abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu Christine Kamikazi, Agnès NDIRUBUSA, Thérence MPOZENZI, Egide HARERIMANA batawe mu mvuto, umushoferi wabo Adolphe MASABARAKIZA akaba aherutse kwezwa na Sentare, mu gihe abo bagenzi bacu baciriwe imyaka ibiri n’igice n’ihadabu y’umuliyoni umwe umwe w’amafranga y’amarundi. Umushikirizamanza Jean Marie Vianney NTAMIKEVYO, akaba ariwe yabashizeko icaha co gufatanya n’abashaka kudurumbanya umutekano mu gihugu, igihe haba igitero muri komine Musigati, y’iyo ntara ya Bubanza. Bahagaritswe ku wa 22 Gitugutu bariko bagana muri komine Musigati gutohoza inkuru zijanye n’ico gitero hagati y’umugwi witwaje ibigwanisho n’abajejwe umutekano.