Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 02/02/2021

Publié le 2 février 2021 par Rédaction
I. Bob Rugurika arongoye Radiyo RPA imwe mu ma radiyo yaturiwe agatako agafatirwa ibihano n’ubutegetsi, ngo ntatangazwa n’imvugo y’umuhanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu mu gisata co kumenyesha amakuru, aho abicishije kuri Twitter avuguruza ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye, aho yari yasavye urwego CNC ngo rwicarane n’ibimenyesha makuru bifitaniye amatati na leta, mu ntumbero yo gutora umuti urama. Bob Rugurika akavuga ko yizeye ko ivyashikirijwe na Willy Nyamitwe bitoba ari ivyiyumviro vy’umukuru w’igihugu ahubwo ko ari ivyiyumviro vya Nyamitwe ku giti ciwe.
II. Cishahayo Théodosie arafungiwe mw’ibohero ry’igipolisi ku murwa mukuru w’intara ya Karusi haraheze indwi. Uyo mupfakazi w’abana 6 yahagaritswe abanje kumvirizwa n’umushikirizamanza mukuru mu ntara ya Karusi, urongoye igipolisi mu ntara, buramatari hamwe n’uwurongoye ibiro vy’iperereza i Karusi. Calinie Mbarushimana muri ico gihe yamwagirije ko yashatse kumuroga, n’aho umutahe wo kumupfunga wasohotse wanditseko ayandi makosa.
III. Umwana w’imyaka 7 wo ku musozi Gikomero, komine Tangara n’intara ya Ngozi, yaraturiwe amaboko yose na nyina wiwe Joselyne Ndagijimana. Ivyo bikaba vyabaye ku musi w’Imana, inyuma y’aho uwo mwana afatiwe yivye ibigori mu murima w’umubanyi. Kuva kuri uwu wa mbere rero, nyina w’uwo mwana apfungiwe mu gasho k’igipolisi k’aho muri komine Tangara nyene, aho ariko akorerwa idosiye. Abajejwe intwaro bakavuga ko bibabaje cane kubona umuvyeyi akorera akabi nk’ako umwana yibarutse. Bakavuga ko ari ingendo igayitse kandi ko abavyeyi nk’abo bohanwa vy’akarorero. Hakaba hari haciye imisi mike, hari umugabo wo muri komine Kiremba n’intara ya Ngozi, nawe nyene yaturiye ibiganza vy’umwana wiwe amuhora ko yihaye indya mu nkono. Uwo nawe akaba yahavuye ashengezwa imbere y’ubutungane, aho sentare nkuru y’igihugu ya Ngozi yamuciriye igihano c’ugupfungwa imyaka itatu n’ukuriha ihadabu y’amafaranga 50.000.
IV. Amakenga ni menshi mu mpunzi z’abarundi zahungiye mw’ikambi ya Mtendeli, mu gihugu ca Tanzaniya. Imvo akaba ari umugambi wa leta ya Tanzaniya wo kwimura impunzi ziri muri iyo kambi zikajwanwa mw’ikambi ya Nduta. Abarundi bahungiye muri iyo kambi bakaba bafise ubwoba bwinshi kubera iyo kambi ya Nduta ivugwamwo cane cane umutekano muke. Umwe muri izo mpunzi yaganiriye na radiyo Inzamba akaba asaba ko bojanwa mu kindi gihugu gifise umutekano ukwiye, kubera ikambi ya Mtendeli ari yo bari babayemwo mu mutekano.
V. Hatangujwe ibiganiro vyo kunagura imigenderanire hagati ya leta y’Uburundi n’ubumwe bwa Bulaya kuri uyu wa kabiri. Umushikiranganji wo gufashanya k’Uburundi n’ayandi makungu Albert Shingiro yuguruye ivyo biganiro, akaba yasavye ko ivyo biganiro vyonyaruka ku nyungu z’abanyagihugu b’ibihugu vyompi. Mu muryango wa bulaya bakabona ko ahari ugushaka hatabura inyishu.
VI. Kubw’umuvugizi w’umuhari MAP-Burundi Libérat Ntibashirakandi, ngo leta yari ikwiye kubahiriza ishirwa mu ngiro ry’amasezerano ya Arusha, kugirana ibiganiro n’abanyepolitike batavuga rumwe nayo, n’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike, n’ukugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu, imbere yo gusaba inagurwa ry’imigenderanire n’umuryango w’ubumwe bwa bulaya.

Ibindi bisa n'ibi