I. Hari ikiziga c’umwana w’umwigeme catowe mu gitondo c’uwu wa kane mu gisagara ca Rumonge, mu ntara ya Rumonge nyene. Amakuru ava muri iyo ntara avuga ko abazindutse mu gitondo ca kare babonye ico kiziga mu mufurege uri haruguru y’isoko nkuru ya Rumonge. Uwo mwigeme ntiyashoboye kumenyekana, ariko bakibaza ko yoba ari umwe mu bana bo mw’ibarabara, yasomye nturi biturutse ku mvura nyinshi yaraye iragwa muri ico gisagara ca Rumonge. Abajejwe intwaro n’igipolisi bahashitse, bakaba baciye bajana ikiziga c’uwo mwigeme mu buruhukiro bw’ ibitaro bikuru vya Rumonge, mu kurindira ko amatohoza ahera, nk’uko ayo makuru nyene ava mu Rumonge abandanya abivuga.
II. Abantu mirongo ibiri na bane barishwe, cumi na batatu barahagarikwa hadakurikijwe amategeko, ibiziga biratorwa hirya no hino mu gihugu cane cane ku nkengera z’inzuzi no mu mashamba. Urwaruka rw’imbonerakure rukaba rudomwako urutoke muri ubwo bubisha. Ivyo biri mu cegeranyo c’ishirahamwe ACAT-Burundi, ku bijanye n’ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu, muri kuno kwezi kwa mbere guheze. Augustin Nimubona ajejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe ACAT.
III. Abagabo batatu bo mw’ishengero EUSEBU muri komine Nyanza-lac barapfungiwe mu gasho k’igipolisi ka Nyanza-lac, mu ntara ya Makamba. Amakuru ava mu miryango yabo akaba avuga ko ico bapfungiwe kitazwi. Bikeka ko ari amatati amaze imisi muri iryo shengero. Bagasaba ababo ko borekurwa.
IV. Abantu 115 ni bo banduye ikiza c’indwara ya Choléra mu gisagara ca Bujumbura, mu ma komine ya Isale na Rugombo. 102 muri bo baravuwe neza, cumi na babiri na bo baracari mu bitaro. Vyashikirijwe na Pamphile Bukuru, icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane. Asaba abanyagihugu kwubahiriza amabwirizwa y’isuku mu gukaraba amazi meza n’isabuni.
V. Ibanki nkuru y’igihugu yafashe ingingo yo guhagarika ivy’agateganyo igikorwa co kwandika udushirahamwe duto duto two kuziganya no kuguranana. Mw’itangazo iyo banki nkuru yashize ahabona uno musi, yerekana ko hari udushirahamwe dukora tutubahiriza amategeko atugenga. Ngo hagiye mbere n’ugufatwa ibihano ruhasha kw’ishirahamwe ryose ryo kuziganya no kuguranana, rizokora ritubahirije amategeko. Prosper Ngendanganya ajejwe gukurikirana ibikorwa vy’ibanki nkuru y’igihugu BRB.
VI. Hari umugwi w’intumwa z’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw’isi HCR uriko uragendera amakambi y’impunzi yo mu gihugu ca Tanzaniya. Uyo mugwi ukaba uza uraganira n’impunzi kugira bababwire ibibazo vyugarije abazibamwo. Uwujejwe gutanga ubuhungiro bwa gatatu ku mpunzi bikenewe, akaba ariwe aha nini ariko arumviriza izo mpunzi. Muri uwo mubonano yagiranye n’impunzi, aboneraho akaryo ko kwishura ku bibazo bimwe bimwe bizihanze, nk’ivyo kwimurirwa mu bindi bihugu. Kuri ico yavuze ko amahirwe ari make, ko ahubwo bakwiye gutaha mu gihugu cabo. Abasaba kwitegurira rusansuma igiye kuzoba, hamwe n’urugendo ruzogirwa n’uwurongoye HCR Filippo Grandi.