Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 02/03/2021

Publié le 2 mars 2021 par Rédaction
I. Agahengwe kabonetse inyuma y’imisi itatu hari ingwano ziriko zirabera muri komine Mabayi y’intara ya Cibitoke. Amakuru dukura muri bamwe mu basirikare avuga ko umugwi w’abitwaje ibigwanisho wari washinze ikirindiro ku musozi Twinyoni uri muri komine Mabayi wakuweho ku mugoroba w’uyu wa mbere n’igisirikare c’Uburundi.  Ayo amakuru asigura ko abo bagwanyi bari bashinze ikirindiro kuri uyo musozi atawuramenya iyo bahungiye. Tubibutse ko uyo mugwi w’abitwaje ibigwanisho woba warimwo aba FDLR ugizwe ahanini n’abakoze ihonyabwoko ry’abatutsi mu gihugu c’Urwanda mu mwaka wa 1994. Isoko rya radiyo Inzamba mu gisirikare c’Uburundi rikaba rimenyesha ko uyo mugwi witwaje ibigwanisho wari wabuze iyo uhungira, kubera wari wakuwe mu mashamba y’igihugu ca Congo, ubu bakaba badashobora gusubirayo.
II. Gushika mu mwaka wa 2025, ama komine yose yo mu gihugu azoba arangwamwo umuyagankuba. Uwo muhango watanzwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kuri uyu w’Imana mu ntara ya Gitega. Abanywanyi ba CNDD-FDD bakaba bariko barigina intsinzi y’uwo mugambwe muri komine ya Buraza i Gitega. Yamara abahinga mu bijanye n’ivy’umuyagankuba, babona k’uwo mugambi udashoboka muri ico kiringo.
III. Abaharanira agateka ka zina muntu be n’abamenyeshamakuru bari mu bagirizwa kuba bari mu bashatse gutembagaza ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza bagakatirwa urubanza rwo guherayo, bandikiye sentare ntahinyuzwa bayimenyesha ko bunguruje. Umushingwamanza Armel Niyongere ari muri abo, yamenyesheje ko bahisemwo guca muri iyo nzira kuko abashingwamanza  batuma babagirako iterabwoba, CNIDH nayo bayisavye ko ibasabira dosiye yabo batigeze baronswa n’ubu, bararindiriye amaso ahera mu nzira. Armel Niyongere ati n’aho urwo rubanza rurangwamwo amanyanga menshi, twahisemwo kwunguruza.
IV. Abakora akazi k’ubudandanji mu gisagara c’intara ya Rumonge bavuga ko bakora bahomba, aho ni kuva aho ibidandazwa bimwe bimwe nk’imikeke yumye n’amavuta bitakiva muri Congo nkuko vyahora  kubera ikiza Covid-19. Haruhande y’ivyo, hakiyongerako amatagisi aheruka kuduzwa.
V. Mu ntara ya Muyinga havugwa imyidogo y’abaguze ibikoresho bishira umuriro mu matelefone ngendanwa, ivyo bita Power Bank mu rurimi rw’icongereza, hari mu ntango z’ukwezi kwa kabiri uno mwaka. Ishirahamwe « Global Business for You » ryabitanze rigasabwa gusubiza amafaranga y’abo baguzi, kuko ryabeshe ko rigurisha ibikoresho bimeze neza kandi atari vyo.

Ibindi bisa n'ibi