I. Igisata ca sentare nkuru y’igihugu ya Ntahangwa ciga ko abapfunzwe botezurirwa, canke bakaguma bakurikiranwa bapfunzwe bita chambre de conseil mu gifaransa, cemeje ifungwa ry’abantu batanu baharanira agateka ka zina muntu. Bari bumvirijwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuri uyu wa mbere. Amakuru dukura muri iryo bohero amenyesha ko abarirongoye babuze imodoka yo kubunguruza, baca bafata ingingo ko bumviririzwa mw’ibohero hagati. Abo batanu baharanira agateka ka muntu ni umushingwamanza Sonia Ndikumasabo yahoze ari icegera c’uwurongoye umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH ubu akaba arongoye ishirahamwe ry’abakenyezi bize ivy’amategeko AFJB. Marie Emerusabe umuhuzabikorwa muri iryo shirahamwe, Audace Havyarimana, aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe riharanira amahoro n’agateka ka muntu APDH, Sylvana Inamahoro umuyobozi nshingwabikorwa w’ishirahamwe APDH na Prosper Runyange umuhuzabikorwa. Abo bakaba bafungiwe kuva itariki 16 ruhuhuma 2023, mwibohero rikuru rya Mpimba. Ivyo bagirizwa ni guhungabanya umutekano mu gihugu, guhungabanya ubutunzi bw’iguhugu, n’ugukorana n’ikirebeli. Abaharanira agateka ka zina muntu ari mu Burundi canke kw’isi baguma basaba ko abo bantu batanu borekurwa kuko ataco bariko barazira.
II. Arumanije amezi 6 mu munyororo, umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye apfunzwe azira icaha co guhungabanya umutekano w’igihugu, urubanza yaciriwe ruhonyanga birengeje ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro mu Burundi, nk’uko vyashikirijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka muntu HRW mu cegeranyo ryasohoye kw’ipfungwa ry’uwo mumenyeshamakuru.
III. Abantu indwi barishwe, umwe aranyuruzwa, abagera ku munani barahagarikwa hadakurikijwe amategeko, indwi barakubagurwa. Ivyo biri mu cegeranyo co mu kwezi kwa Ruhuhuma uyu mwaka, c’ishirahamwe ACAT-Burundi, rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu. Urwaruka rw’imbonerakure na bamwe mu bajejwe intwaro mu nzego zo hasi bakaba badomwako urutoke muri ubwo bubisha.
IV. Ingingo yafashwe yo kubuza abadandaza bacuruza amamesa kuyacururiza mu bicupa bicururizwamwo amazi ivyo bita ibibuni, gushika kuri uyu wa kane ntirigera yubahirizwa n’abacuruzi bo mw’isoko nkuru ya Kayanza no mu micungararo yaho. Imvo ngo n’uko ata bindi bikoresho bashobora kuyatekeramwo ku buryo umuguzi uwe ari we wese yoshobora kuronka uburyo bwo kwikenura mu kugura ayo mamesa.
V. Hari umuryango waraye uhawe itegeko ryo kubomora imva y’uwabo ngo n’uko bayubakishije isima. Ivyo vyabereye mw’ikambi y’i Nduta muri Tanzaniya. Impunzi zikabona ko ari agatotezo kabandanya kubakorerwa. Bavuga ko uwo muryango uhowe ubusa kandi ata tegeko ribuza kubikora, na rirya hari n’izindi mva zubatse uko. Umwe mu mpunzi z’aho i Nduta arigana ivyabaye.