I. Inama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe agateka ka zina muntu yaraye igenye kuri uyu wa gatanu Fortuné Gaëtan Zongo, avuka mu gihugu ca Burkina Faso, kuba intumwa idasanzwe igiye gukurikiranira hafi ivy’agateka ka zina muntu mu Burundi. Inyuma y’ivyigwa mu bijanye n’amategeko, Fortuné Gaëtan Zongo yagiye arakora mu gisata c’agateka ka zina muntu kw’isi.
II. Abaharanira agateka ka zina muntu barashima ko inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu yagenye intumwa idasanzwe ikurikirana agateka ka zina muntu mu Burundi. Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize avuga ko leta yoyo iba yipfuza ko ibijanye n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu biba akamizwe n’ingoma. Amakenga ariko ahari akaba ari uko leta y’Uburundi ishobora kumwankira gushika mu Burundi nk’ukwo yamye ibigira ku mugwi wari ujejwe amatohoza ku Burundi.
III. Hari umuntu yaraye yishwe atemagujwe imipanga n’abantu bamutegereye mu nzira, bamwagiriza ko ari umusuma. Nzeyimana Egide w’imyaka 26 yaraye yiciwe ku mutumba wa Kibati, zone Masango, komine Bukinanyana, intara ya Cibitoke. Abantu batanu bakaba bafashwe ku mvo z’amatohoza.
IV. Mu ntara ya Kayanza, umusore w’imyaka 28 yarazwi kw’izina rya Josué Muhoza yaba ku mutumba Musave wo muri ico gisagara, yariyahuye mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatanu rishira uwa gatandatu, akoresheje ikiziriko. Uwo yiyahuye akaba yahora ari umunyeshure muri kaminuza nderabigisha ENS. Akaba abaye uwugira gatatu muri iyo komine nyene mu kiringo c’ukwezi kumwe.
V. Ibikorwa yose vyahagaze mu gisagara ca Rumonge kuva mu gitondo ko kuri uyu wa gatandatu gushika nk’isaha indwi. Amakuru ava aho muri ico gisagara akaba avuga ko abantu bose bugajwe imirimo bagategekwa kuja kwakira Reveriano Ndikuriyo, umunyamabanga w’umugambwe CNDD-FDD, yari muri iyo ntara. Abarangurira imirimo muri ico gisagara baridoga. Bavuga ko uruhombo ari runini. Amakuru ava mu mbonerakure avuga ko bari bategetswe ko bahinda abantu bose bakaja ku kibuga c’umupira w’amaguru kiri hafi y’ibiro vy’intara ya Rumonge, ahariko hakirirwa uwo munyamabanga w’umugambwe CNDD-DDD. Yaba isoko ntiyuguruye. Abadandaza indagara n’ibindi vyononekara ntibari bemerewe gukora. Bose ico bahurizako bemeza ko uruhombo ari runini mu gihugu indongozi zama zihamagarira abantu kwiteza imbere.
VI. Imbonerakure zitatu zo muri komine n’intara ya Rumonge zipfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi ca Rumonge, kuva ku musi wa kane. Bagirizwa gufata ku nguvu umwigeme wo mu kirabo co ku mutumba Mugomere, muri iyo komine nyene ya Rumonge. Mu muryango w’uwo mwigeme bakaba basaba ko bohanwa hakurikijwe amategeko.
VII. Leta ikwiye gukora ibishoboka vyose kugira ngo abarimyi baronke ifumbire ikwiye kandi bayironkere ku gihe. Ivyo bivugwa n’umuhinga mu vy’uburimyi Egide Nkunzimana. Asigura ko bitangenze ukwo, bishobora kugira ingaruka mbi ku mwimbu. Abivuga afatiye ku barimyi bo mu ntara zitandukanye baherutse kuvuga ko baronse batevye ifumbire yo mu bwoko bwa FOMI. Egide Nkunzimama afise amakenga ko kuri aba barimyi umwimbu utazogenda neza nk’ukwo vyahora.
VIII. Ibihugu bizoserukira umugabane wa Afrika vyaraye bimenye ibihugu bizohura mu gikombe c’isi yose kizobera muri Qatar guhera igenekerezo rya 21 ukwezi kwa cumi na rimwe uno mwaka. Kugira ivyo bihugu vya Afrika bizoshobore kurengana intambwe ya mbere, bitegerezwa gukoresha inguvu zidasanzwe, kuko nka vyose biri mu migwi itoroshe na mba.
IX. Inyuma yaho hahagarikiwe uruhusha rwo gucukura ubutare bwa Nickel y’i Musongati, uruhusha rwari rwahawe ishirahamwe BMM International mu mwaka wa 2014, leta y’Uburundi iherutse gusinya amasezerano mashasha yo gucukura ubwo butare n’irindi shirahamwe ryitwa East African Region Project Group. Ikigabane Kw’isoko c’uno munsi, kiza kwihweza ibigize ayo masezerano mashasha.