Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 02/05/2020

Publié le 2 mai 2020 par Rédaction

I. Abantu 4 bashasha nibo basanze banduye coronavirus mu Burundi, nk’uko vyamenyeshejwe mw’itangazo ry’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu. Ubwo bushikiranganji bumenyesha ko muri abo bantu banduye, batatu muri bo bari bituye ibitaro Bumerec, Prince Régent Charles, ibitaro Polyclinique Centrale vya Bujumbura, hamwe n’ibitaro vy’ishirahamwe ONU. Uwundi umwe mubanduye na we, yatowe mu bantu 152 bakorewe ibipimo, kuko bari babonanye n’abo batatu bandi. Uburundi rero bukaba bumaze kuronka abantu 19 hamwe bose banduye ikiza ca corona. Abantu 4 bakaba aribo bamaze kwemezwa n’ubushikiranganji ko bakize, hamwe n’uwundi 1 yahitanywe n’ikiza ca corona. Ubu abagwaye bakaba ari 14.    

II. Abasirikare b’abarundi bariko bagwanira ku butaka bwa Congo bahawe kuri uwu wa gatanu amasaha 48, kuba bavuye muri ico gihugu. N’inyuma y’umubonano w’abakuru b’ivyo bihugu bibiri, Félix Tshisekedi na Pierre Nkurunziza. Amakuru dukura muri Repuburika iharanira demokarasi ya Congo, amenyesha ko abasirikare b’Uburundi baba bagiye guhiga abarwanyi b’umuhari Red Tabara.

III. Abagabo batatu baherutse kunyuruzwa na bamwe mu bakozi b’iperereza mu ntara ya Cankuzo ku musi wa kabiri n’ubu ntagakuru kabo. Ni Arcade Butoyi, Niyonkuru Alawi, hamwe n’umushitsi yari yaje kuramutsa Alawi, bakaba bari mu minwe y’akarwi k’abantu harimwo umushingamateka Anglebert Ngendabanka yatowe mu ntara ya Cankuzo, hamwe n’uwahoze atwara iperereza mu ntara ya Cankuzo, Nicaise Mugande, ubu akorera ku biro bikuru vy’iperereza i Bujumbura. Abo mu miryango y’abanyurujwe bagasaba abategetsi kubafasha gutora aho ababo boba bari.

IV. Abanywanyi batatu b’umugambwe CNL bafashwe kuri uyu wa gatandatu ku musozi Kibungere, komine Nyabihanga, intara ya Mwaro. Amakuru avayo, yemeza ko babiri muri abo, bafashwe n’imbonerakure mu gihe hariko habera imyiyamamazo y’umugambwe wa CNDD-FDD kuri uwo musozi. Ntitwashoboye kuronka yaba uwurongoye komine Nyabihanga, canke uwutwara CNDD FDD muri iyo komine.

V. Umugambwe CNL usaba umurwi ujejwe amatora CENI kwubahiriza itegeko rigenga amatora. Biri mu rwandiko wasohoye kuri uyu wa gatandatu, aho werekana amabi akorerwa abanywanyi bawo.

VI. Haribonekeza utunenge mw’itangwa ry’amakarata y’itora ku mutumba Kibungere, wa komine Nyabihanga, mu ntara ya Mwaro. Abo mu mugambwe CNDD-FDD barekuriwe gutorera ikarata y’itora abo bashatse, mu gihe abo mu mugambwe CNL babanza gusabwa icemeza c’uwabatumye bita “procuration”. Mu mugamwe CNL bakabonako ari ubusuma bw’amatora buriko bukorwa imbere y’uko amatora nyezina aba.

VII. Mu gihe imyiyamamazo y’amatora ibandanya, imigambwe itari mike iriyamiriza ko itaronswa umwanya ukwiye mu bimenyeshamakuru vya leta, nkuko vyategerezwa kugenda. Iyo migambwe ikavuga ko ivyo binyamakuru vyiharijwe n’umugambwe uri ku butegetsi, hamwe na ba somambike bawo.

VIII. Imiryango irenga 100 niyo yazindutse yimuka mu mazu yayo ari muri karitiye Kajaga, mu gisagara ca Bujumbura, kubera yatewe n’imyuzurira y’amazi menshi. Abanyagihugu bo muri iyo karitiye, bakaba bari mu ngorane zidasanzwe kubera batagira iyo baja n’imiryango yabo. Umuhinga w’umurundi mu bijanye no gutunganya inyubako, asigura ko imyuzurira idashobora guhera mu ma karitiye y’uburengero bw’igisagara ca Bujumbura, kubera hari inzuzi zisuka mu kiyaga Tanganyika zituma ama karitiye yegereye ico kiyaga, ategwa n’amazi. Ku bwiwe, ngo leta irakwiye kurondera aho ishira iyo miryango kuko ariyo yakoze ikosa mu gutanga ibibanza ahantu hatubakwa.

IX. Bamwe mu bariko biyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yimirije, bavuga iki ku vyerekeye ingorane y’ukubura akazi mu Burundi ? Nivyo dushimikirako mu kigabane Kw’isoko c’uno musi.

Ibindi bisa n'ibi