I. Guhera ubu igisata cose c’igihugu kizobanza kwerekana ico amafranga cahawe yakoreshejwe imbere y’ukwo bacongera ayandi. Vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mw’ijambo yashikirije abarundi, kuri uyu wa Mungu igihe isi yose yaramutse ihimbaza umusi wahariwe abakozi n’akazi. Akavuga y’ukwo kizira ko itunga ry’igihugu rija mu minwe y’abantu bamwe, cane cane ku bijanye n’ibisata vyo gucukura ubutare, hamwe n’ibijanye n’ayandi masoko ya leta.
II. Mw’itangazo umugambwe CNL wasohoye kuri uyu wa mbere, mu gihe isi yose iriko ihimbaza umunsi wahariwe akazi, umenyesha ko mu Burundi hakirangwa ikumirana mw’itangwa ry’akazi. Agathon Rwasa awurongoye, aratewe umutima uhagaze n’ubukene burangwa mu barundi. Agasaba leta kwihutira gutorera umuti ico kibazo. Akaba yabivugiye kuri radiyo Isanganiro.
III. N’abakozi ba leta hamwe n’abanyagihugu bo mu Burundi bavuga ko umusi mukuru w’abakozi ubaye bari mu bukene budasanzwe. Basaba leta kwongera umushahara no gukora ibishoboka ngo ubukene abanyagihugu barimwo bugabanuke.
IV. Inyuma y’imisi ine Leta y’Uburundi ifashe ingingo yo kuduza igiciro c’igitoro kw’ilitiro, ntacahindutse mu ntara ya Muyinga ku bijanye n’ubukene bw’ico kidandazwa ca nkenerwa, mu buzima bwa misi yose ku banyagihugu n’igihugu muri rusangi, nk’ukwo bimenyeshwa na bamwe mu banyagihugu.
V. Kuri uyu musi wa mbere, umuryango w’aba Islamu mu Burundi COMIBU waramutse wifadikanya n’aba Islamu bo kw’isi, mu guhimbaza umunsi mukuru wa Eid-Il Fitr. Ousmane Protais Ndagijimana, icegera c’uwurongoye uwo muryango avuga ko uyu munsi uje kwerekana urukundo ruri mu bantu, aho umwe wese asangira ico afise na mugenziwe.
VI. Abanyagihugu bo ku mutumba Butezi, zone Butezi, komine Giharo mu ntara ya Rutana bariyamiriza ubusuma bariko bakorerwa n’uwurongoye uwo mutumba, afadikanije na bamwe mu ndongozi za komine. Abo banyagihugu basabwa gutanga amafranga ubugira kabiri yo kubaka ibiro vy’umutumba Butezi. Ikibabaza abo banyagihugu n’ukwo n’amafranga batanze ubwa mbere batarabona ico yakoreshejwe.
VII. Mw’ikambi y’impunzi z’abarundi ya Mulongwe mu gihugu kibanyi ca Congo, havugwa ubukene bw’utuzu twa surwumwe. Amakuru ava muri iyo kambi akamenyesha ko utwo bari bubakiwe kuva mu mwaka wa 2018, twagiye turabomorwa n’imvura. Basaba ishirahamwe HCR, kububakira utundi, indwara zifatiye kw’isuku rike zitaraduka.
VIII. Ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi risigaje inkino zitatu ngo rirangire, ariko ntakirakorwa kuko hagati y’uwa mbere n’uwa gatanu basumbanya amanota atatu. Mu gisata c’abigeme naho, umugwi nserukira gihugu w’abatarenza imyaka 17 waraye utsindiye Tanzaniya iwabo, ku bitsindo bibiri kuri kimwe.