Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 02/06/2020

Publié le 2 juin 2020 par Rédaction

I. Abanywanyi babiri b’umugambwe CNL bapfungiwe mu gasho k’igipolisi muri zone Busenge, ya komine Muhuta, mu ntara ya Rumonge, kuva kuri uyu wa mbere uheze. Bafashwe inyuma yo gukubitwa na bamwe mu mbonerakure zikingiwe ikibaba n’umukuru w’umutumba Kanihira. Musitanteri wa komine Muhuta akaba atashimye kugira ico abivuzeko. 

II. Amatora yabaye kuwa 20 Rusama mu Burundi yaranzwemwo iterabwoba hamwe n’ihagarikwa ry’abantu batavuga rumwe na leta. Ivyo biri mu cegeranyo casohowe n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu kw’isi, Human Rights Watch. Ico cegeranyo kivuga ko amabi yakozwe akwiye gutuma haba amatohoza, mbere abakoze ivyaha bakabihanirwa. 

III. Frédéric BAMVUGINYUMVIRA, umwe mu banyepolitike yahunze igihugu, avuga ko uburenganzira bwo gushikiriza iciyumviro atawuguhagaze ku gakanu, ari kimwe muvyerekana igihugu kirimwo demokarasi. Ibi navyo bikaba bigihaze mu gihugu c’Uburundi. Abivuze mu gihe mu mugambwe Sahwanya Frodebu kuno kwezi kwa Ruheshi baguhariye demokarasi. 

IV. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Nestor Bankumukunzi arongoye urwego rw’igihugu rujejwe gucungera ukwo ibinyamakuru bikora, arashima uko abamenyeshamakuru bakoze igihe c’amatora yo kuwa 20 Rusama aherutse. Yamara uko siko babibona mu runani rw’abamenyeshamakuru b’abarundi UBJ. Alexandre Niyungeko arurongoye, abona ko ahubwo ari nk’ukwigamba, kuko abari mu runani bakoreshejwe ibiciye kubiri n’umwuga bakora. 

V. Ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, ririyamiriza ingene leta y’Uburundi ifata minenengwe igikorwa co kurwanya ikiza ca CORONAVIRUS. Iryo shirahamwe risaba rishimitse abategetsi b’igihugu c’Uburundi, gufata ingingo zikomeye zotuma ico kiza camaze kwibonekeza mu gihugu, kitabandanya kwiha inkumbi. Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME. 

VI. Abarundi bari mu Burundi baritakambira mu gusaba Leta guhagurukira ikibazo c’ikiza Covid 19, narirya ngo amazi asa n’ayariko ararenga inkombe. Abaganiriye na Radio Inzamba, bavuga ko bafise ubwoba bwinshi kuko ngo babona ko ico kiza kiriko kirafata umurindi udasanzwe, kandi bakabona ko Leta mu misi iri mbere itazoba igishobora gutabara abanyagihugu. 

Ibindi bisa n'ibi