I. Intererano zitangwa n’abakozi ba ONATEL zo gutegekanya kazoza no kwivuza haraheze igihe zidashikira amashirahamwe abijejwe, ariko igihe cose bari bakironka agahembo baba bakaswe ayo mafranga. Ivyo biraheza bikagira ingaruka ku bakozi bakukuruka muri kino gihe, aho bagenda basize inyuma izo ntererano ziyongera ku mafranga baheranywe. Akarorero nko mw’ishirahamwe INSS, ONATEL imaze imyaka ibiri idatanga interano z’abakozi bayo. Muri Mutuelle naho babwiwe ko ata mukozi wa ONATEL canke abamukomokako bazoronka ikarata yo kwivurizako igezweho, bita carte biométrique mu gifaransa.
II. Ihinguriro ry’isukari SOSUMO risaba buramatari w’intara ya Rumonge gutanga amazina y’abadandaza basubirira abafatanywe isukari mu mpera z’indwi iheze. Abo badandaza bahora bakura isukari muri SOSUMO bakaba bayifatanywe bayinyegeje. Abanyagihugu barashima iyo ngingo ya SOSUMO ariko bagasaba ko itangwa ry’isukari ryobamwo umuco.
III. Guhonyanga agateka ka zina muntu, kutubahiriza ukwishira no kwizana biribonekeza mu Burundi nk’ukwo ivyegeranyo bitandukanye vy’amashirahamwe mpuzamakugu n’ayakorera mu gihugu avyerekana. Ivyo bivugwa na Pierre Claver Nahimana arongoye umugambwe Sahwanya Frodebu, n’inyuma y’imyaka 29 uyo mugambwe utsinze amatora. Pierre Claver Nahimana mu kiganiro yatanze ku bamenyeshamakuru kuri uno wa kane, avuga ko abari mu nzego z’umutekano bahoze mu migwi igwana, gushika ubu baguma bahagarariye imigambwe yavuye muri iyo migwi aho kubirengera.
IV. Ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu kavugwa n’umugabwe Sahwanya Frodebu rirerekanwa kandi mu cegeranyo c’ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi co mu kwezi kwa gatanu guheze: Abantu 16 baramenyekanye ko bishwe abandi 10 baranyuruzwa. Iryo shirahamwe rivugako rirajwe ishinga n’umutekano uguma uhungabana mu Burundi. Risaba leta gukora amatohoza akomeye mu ntumbero yo guhana abagirizwa ayo mabi. Augustin Nimubona ajejwe igisata co kumenyesha amakuru mw’shirahamwe ACAT-Burundi.
V. Abigisha bo kw’ishure ryisumbuye rya komine Gatara, baragabisha ko umwanya n’umwanya bashobora guhagarika ivyigwa. Ni mu gihe mugenzi wabo Gédéon Nimbona aheruka gukubitwa n’abanyeshure, atotunganirizwa mu maguru masha. Abo bagirizwa kuba barakoze ico caha, kuva bamukubise ku musi wa kabiri w’iyi ndwi bakaba bacidegemvya. Abo bigisha bagasaba ko abanyeshure bagirizwa ico caha bohanwa vy’akarorero.