I. Bamwe mu banyagihugu bo mu ntara ya Cibitoke, baratewe amakenga n’abantu bariko barapfa mu buryo butangaje, mu bice bitandukanye vy’iyo ntara. Muri ino misi ibiri gusa, abantu batatu baritavye Imana, icabishe ntikiramenyekana, ivyemezwa na bamwe mu bajejwe intwaro.
II. Hari umupolisi apfungiwe mu gasho k’igipolisi ka Makamba kuva kuri uyu wa gatatu. Amakuru ava aho i Makamba, avugako yapfunzwe n’uwurongoye igipolisi mu bumanuko, amwagiriza ko yanse kumucungera. Abo mu muryango w’uwo apfunzwe, bakaba bafise amakenga ku bw’umutekano wiwe.
III. Muri Zone Bigina, Komine Kayogoro, mu ntara ya Makamba, itike ku biyunguruza bava mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya mu mpisho, ryaradugijwe ku rugero runini, mugihe imipaka yugaye. Iryo duzwa ry’ibiciro rishigikiwe n’abarongoye igipolisi, abarongoye intwaro hamwe n’imbonerakure mur’iyo Komine Kayogoro.
IV. Abarundi baja kwisumamwo mu gihugu ca Tanzaniya, bariko batahuka muri iki gihe co kwirinda ikiza ca Covid-19, bahitamwo guca mu binywabi bakinjirira muri komine Kayogoro, y’intara ya Makamba. Imbonerakure zicungereye urubibe mu nkengera z’uruzi Maragarazi bamwe zirabasahura ivyo bazanye vyose, bikavugwa ko hari n’abahasiga ubuzima. Abenshi muri abo barundi baja kwisumamwo mu gihugu ca Tanzaniya, bava mu ntara ya Karuzi.
V. Abigisha bo kuri Lycée Municipal Buterere baridogera umuyobozi w’iryo shure, Augustin NTAHONDI, ko atigeze afata ingingo zo guhana abanyeshure n’abarezi b’iryo shure inyuma y’aho bimenyekaniye ko hari ikibazo cibwe, gifatanwa abanyeshure imbere y’uko gikorwa. Abigisha n’abanyeshure bagasaba umuco mu gihe hasigaye imisi mike ngo basozere umwaka w’ishure.
VI. Igenwa rya bamwe muntwazangabo haba mu gipolisi n’igisirikare kw’ipete rya general, ntaco bihindura ku bukerebutsi bw’igisirikare n’igipolisi. Uko niko Gratien Rukindikiza, akwirikiranira hafi ibibera mu Burundi abivuga. Ku bwiwe, iryo genwa ngo riva kumvo za politike, ataco bipfana n’ivyohinduka muri izo nzego z’umutekano. Akaba abivuze inyuma y’aho umukuru w’igihugu mushasha Evariste Ndayishimiye atangiye amapete ku ntwazangabo zimwe zimwe mu birori vyo guhimbaza imyaka 58 iheze Uburundi bwikukiye.