Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 02/08/2021

Publié le 2 août 2021 par Rédaction
I. Ikiziga c’umugabo w’imyaka 25 yarasanzwe yunguruza abantu kw’ipikipiki caratowe ku muhingamo w’ejo  kuw’Imana mu amasaha y’umugoroba, ku mutumba Mangoma, zone Mugano ya Komine Giteranyi mu ntara ya Muyinga. Nk’uko amakuru atandukanye ava aho mu Mangoma abimenyesha, ngo uwo nyakwigendera yoba yaguye mu mutego w’abagizi ba nabi avuye muri komine ya Bwambarangwe mu ntara ya Kirundo iyo yari yunguruje ingenzi ku musi wa gatandatu w’indwi iheze.
II. Umuntu w’umugabo aba ku mutumba Muzamba muri komine Songa, intara ya Bururi yaraye apfuye. Déo Irakoze, n’ umwigisha wo kuri Lycée Communal Manyoni yasandabiye ku bitaro vy’i Matana mw’ijoro ry’uwu w’Imana rishira uwa mbere. Amakuru ava aho muri komine Songa akaba avuga ko uwo mwigisha yishwe n’inkoni nyinshi yakubiswe n’uwo bavukana. Ico bapfuye ntikiramenyekana, ariko bibaza ko yoba ari amatati yo mu muryango. Ayo makuru aremezwa n’abo mu muryango wiwe. Uwo yikekwa yamaze gufatwa akaba ari mu minwe y’inyamiramabi, nk’uko amakuru ava mu gipolisi avyemeza.
III. Abantu 17 baragandaguwe, 13 baranyuruzwa, nayo 37 bahagarikwa bidakurikije amategeko muri uku kwezi kw’indwi kwaraye guheze. Biri mu cegeranyo c’ishirahamwe rukristu rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi gisohoka buri kwezi. Abo bagandaguwe batowe ibiziga mu nzuzi no mu mashamba kure y’imiryango yabo. Abagirizwa ayo mabi, ngo ni abajejwe intwaro ku rwego rwo hasi, hamwe n’urwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD. Ikibabaje, n’uko mu bagirizwa ayo mabi ata numwe akomakomwa.
IV. Ubwoba ni bwinshi mu banyagihugu bo muri komine Mugamba, mu ntara ya Bururi. Komiseri Moise Arakaza batazira Nyeganyega, kuva aho muri Radio Inzamba bavugiye uwo ariwe n’ivyamuranze yaciye amera nk’inyamaswa yibonyeko amaraso. Avuga ko agiye guhigura n’uwo wese azosangana muri telephone ngendanwa inomero zo mu mahanga.
V. Amwe mu matongo ya Leta ari ku mutumba wa Mutambara mu ntara ya Rumonge yatijwe abanyagihugu ategerezwa gusubizwa mu minwe ya Leta kw’itegeko rya Buramatari w’iyo ntara. Abanyagihugu bakaba bahagaritswe umutima kuko batinya ko batazoronka ahandi baba. Abo banyagihugu bakaba batemera ko ayo matongo ari mu ya Leta nkuko bivugwa na Buramatari Consolateur Nitunga.
VI. Abadandanza bose  badandariza mu du kiosques turi ku mpande y’ isoko ya Ngozi basabwa kuzibomora vyihuse Atari uko bakazibabomorerako. Iyo ngingo ikaba ifashwe inyuma yahoo kiosque imwe iri muzidandarizwamwo amaterefone yaraye ihiye kuri uwu w’Imana, nk’igihe c’isaha imwe y’ijoro; amakenga akaba ari menshi kubandandaza bo muri iryo soko kuko batabona aho uwo muriro waje uva, na rirya muri ako kazu ko kudandarizamwo ata muyagankuba wari usanzwe uriyo.
VII. Inkino za CECAFA Kagame Cup zihuza imigwi yabaye iya mbere iwabo kuri uno w’Imana niho zatangura i Dar es Salaam muri Tanzaniya. Uburundi bwaserukiwe na Messager Ngozi. Uwo mugwi ukaba uri mw’itsinda ritoroshe.

Ibindi bisa n'ibi