I. Abantu babiri batwara amapikipiki n’umwe yari yungurujwe bitavye Imana bahiye baratokombera baturiwe na essence, mw’isanganya ryo mw’ibarabara ryatewe n’ipikipiki zibiri zagonganye mu gitondo co kuri uyu wa gatatu kw’ibarabara ry’igihugu rya 12, muri komine Giheta y’intara ya Gitega. Umwe muri abo bagendesha ipikipiki akaba yaratwaye ama bidons arimwo igitoro co mu bwoko bwa essence, ari na co catumye haduka umuriro wahitanye abo bantu batatu.
II. Abari mu zabukuru bagiye kuronswa amafranga angana n’umushahara bahorana nk’ukwo vyemewe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Uwo muhango utangwa n’umushikiranganji w’abakozi ba leta mu gihe kuri uno wa gatatu yariko arashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mwaka wa 2022 ushira uwa 2023. Déo Rusengwamihigo amenyesha ko igikorwa c’ukumenya abakukuruke n’agashahara bazoronswa caheze.
III. Bamwe mu barimu bahurikiye mw’ishirahamwe FLE ribafasha kuronka uburaro, baridoga ko hafashwe ingingo yo guhindura iryo shirahamwe mu kigega co kuguranana bita Microfinance, batagishijwe inama. Bipfuza ko bobanza bakagishwa inama kugira na bo batange intererano yabo mw’itegurwa n’ishirwa mu ngiro ry’uyo mugambi. Bamwe muri abo barimu bagiriza abarongoye iryo shirahamwe guharanira inyungu zabo bwite, kandi bategerezwa guharanira inyungu z’abanywanyi bose ba FLE.
IV. Uwurongoye urwego nshingwantwaro rw’ikigo kijejwe gutegekaniriza kazoza n’uburaro bw’abigisha FLE, amenyeshako kwinjira mw’ishirahamwe ryo kubika ni kuguranana ry’urwo rwego atagahato karimwo kandi bikorwa n’umunywanyi ku giti ciwe. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru mu mpera z’indwi iheze, Victor Ndabaniwe arongoye urwego nshingwantwaro rwa FLE, yemezako itanguzwa ry’uwo mugambi w’ishirahamwe ryo kubitsa no kuguranana wasiguriwe abarimu bose baririmwo hama biremezwa. Ngwaho bigeze uwudatunganiwe ngo nta tegeko rimugumizamwo.
V. Vyinshi mu vyavuye mu masezerano y’amahoro y’i Arusha ntivyashizwe mu ngiro ari na vyo vyari gutuma umwumvikano, kunywana hagati y’abarundi bikomera. Bishikirizwa na Léonard Nyangoma arongoye umugambwe CNDD, mu gihe kuri uyu wa mbere inama nkenguzamateka yatanguje igikorwa co kurabira hamwe ko gushira mu mategeko ibitigiri vyo gutanga ubuzi hisunzwe ubwoko bigikenewe, canke vyofutwa. Ku bwiwe, ngo leta ni ireke kwitaho gusa ibice bitanga ubutegetsi, irabe nyabuna ibindi bihanze igihugu, harimwo kugwanya inzara, n’ugutahukana impunzi.
VI. Iduga ry’ibiciro ry’ivya nkenerwa ryimonogoje mu Burundi biriko bitumwa n’ukwo igihugu kiri mu ngorane zidasanzwe z’ubutunzi, kandi abarundi bakwiye kubimenya na leta ikavyemanga. Bishikirizwa n’umuhinga mu vy’ubutunzi Faustin Ndikumana, arongoye n’ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi bahindure ingendo, bashike kw’iterambere rirama. Agasigura ko ibijanye n’ibiturire, gusesagura amatungo ya leta no kudatunganya neza imigambi, ari yo ntandaro y’ingorane igihugu kirimwo. Ku bwiwe, leta ikwiye gufata ingingo zikomeye cane, harimwo intwaro ibereye no gushira mu bibanza abahinga bavyumva bashobora kubogora ubutunzi bw’igihugu.
VII. Impunzi z’abarundi ziba mu gihugu ca Tanzaniya zisabwa gutahuka mu gihugu, kuko umutekano ari wose. Ivyo n’ivyashikirijwe n’intumwa za leta y’Uburundi zari zirongowe n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, mu rugendo zagize mw’ikambi y’i Nyarugusu mu ntango z’ino ndwi. Bamwe mu mpunzi bakavuga ko bitoroshe gutahuka mu gihe mu Burundi havugwa ubukene n’inzara bibica bigacika.