I. Umushikiranganji w’ubutungane asaba abarongoye ama sentare kuba mu kiringo c’amezi abiri baheraheje imanza z’abanyororo zitaracika. Uwo mushikiranganji yabishikiririje mu ntara ya Gitega kuri uyu wa kabiri, igihe yari yagendeye abanyororo bo mu ntara ya Gitega. Aho yasanze ata saganirizo mu busho bapfungiwemwo ku bwinshi.
II. Mw’ishirahamwe ACAT-Burundi rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu barashima ako kamo k’umushikiranganji w’ubutungane, ariko bagasaba ko imvugo yojana n’ingiro, kandi ntihabe ka mwana wa mama mu kurekura abanyororo nk’ukwo vyama vyibonekeza. Umushingwamanza Jean-Claude NTIBURUMUNSI ajejwe igisata c’amategeko mw’ishirahamwe ACAT-Burundi.
III. Ni ikibazo giteye ubwoba abatari bake, kubona abantu bafatwa ku bwinshi bakanyuruzwa, ntihagire uwumenya irengero ryabo, atawuzi imvo bafatwamwo, kandi abategetsi bavuga ko umutekano wifashe neza. Bishikirizwa na Tatien Sibomana, umunyepolitike atavuga rumwe n’ubutegetsi. Ku bwiwe, ngo leta yari ikwiye kuvuga ibiriko biraba, aho gupfukapfuka abantu ata wuzi ico bariko barazira.
IV. Muri Komine Mugamba mu ntara ya Bururi haribonekeza uruhigi rw’agasakisaki ku rwaruka n’inkumi. Mu minsi ine abantu barenga cumi barahagaritswe, bajanwa ahantu hatazwi. Muri urwo ruhigi igipolisi n’imbonerakure barondera cane cane imisore n’inkumi bari mu bwoko bw’abatutsi, hamwe n’uwo wese atari imvukira yaho nk’uko tubishikirizwa n’uyu munyagihugu.
V. Abantu bane nibo bamenyekanye ko babuzwe irengero mu mezi atatu gusa, kuva leta nshasha itanguye gukora. N’igitigiri gitangwa n’ishirahamwe FOCODE, ribicishije mw’isekeza ryayo Ndondeza. Kubw’iryo shirahamwe, inyifato ya leta nshasha ku mabi ajanye n’iburwa irengero ry’abatavuga rumwe na leta, ntiyahindutse.
VI. Nta kigaragara kiriko kirakorwa n’abajejwe intwaro mu ntara ya Kayanza mu kwubahiriza ingingo z’ukwikingira ikiza Covid 19, nkuko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere ry’ama komine buheruka kubisaba abarongoye intara, mw’ikete ryo ku wa 21 Myandagaro uno mwaka. Ingingo ngenderwako ubwo bushikiranganji busaba ko zishirwa mu ngiro mu maguru masha n’abarongoye intara zose.
VII. Abatwara imodoka zunguruza ibidandazwa biva mu mahanga vyinjira mu Burundi biciye ku mupaka w’i Kobero baridogera ibiro vy’ ikigo kijejwe kwegeranya amakori OBR, be n’igipolisi kijejwe gucungera imbibe, ikirere, abinjira n’abasoka ko basigaye babamaza umusi wose canke ibiri, batarabakira ngo bigatuma bakoresha uburyo bwinshi bataba bategekanije, gushika n’aho bafata amadeni kugira bibesheho. Bamwe mu bashoferi bavuganye na radio Inzamba ariko batashatse kuvugira kuri micro zacu, bamenyesha ko kuva ku musi wa gatandatu basigaye bamara umusi canke imisi ibiri, batarakigwa n’ikigo OBR mu gihe bahora bamara musi y’isaha kugira babandanye urugendo. Imvo nyamukuru ngo akaba ari umuhora uzana amatara i Kobero umaze imisi udakora, bigatuma abakozi b’ikigo OBR batarangura imirimo yabo neza. Guhera kuri uwo musi wa gatandatu, niho hatanguye kwibonekeza umurongo w’urutavanako rw’imodokari kuva kw’irembo ry’ ikigo ca OBR.
VIII. Ishirahamwe ry’ugusiganwa ku makinga mu Burundi ryaratunganije kuva kw’igenekerezo rya gatanu na gatandatu za kuno kwezi, ihiganwa ryo gusiganwa ku makinga rizobera muri komine Nyanza Lac mu ntara ya Makamba. Iryo higanwa rikazotangurwa n’imisore n’inkumi igera kw’ijana ku ruhande rumwe rumwe, ifise hagati y’imyaka cumi n’itanu na cumi n’indwi. Umukuru w’iryo shirahamwe Iryumugabo Arnaud Patrick, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatatu avuga ko iyo misore n’inkumi bazohiganwa ku makinga asanzwe bakazosiganwa ku birometero mirongo ibiri.