Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 02/09/2021

Publié le 2 septembre 2021 par Rédaction
I. Abantu 23 nibo bamenyekanye ko banduye Covid-19 muri iyi ndwi, mu ntara ya Makamba. Ivyo bipimo vyakorewe ku bitaro bikuru biri ku mugwa mukuru w’intara ya Makamba no kw’ivuriro ryo ku mugwa mukuru wa komine Mabanda.  Amakuru dukura aho i Makamba amenyesha ko bamwe mu barwayi bafatira imiti mu mihana iwabo. Abanyagihugu bo muri iyo ntara bavugako batewe ubwoba n’irandagata ry’ico kiza mu gihe hadakurikizwa amabwirizwa yo kucirinda.
II. Ishirahamwe na ryo ritagira imbibe riharanira ubwigenge bwo kumenyesha amakuru Reporters Sans Frontières, ririyamiriza ryivuye inyuma amajambo yakoreshejwe kuri uyu wa kabiri n’umukuru w’igihugu yo kuryagagura abamenyeshamakuru babiri b’abarundi. Antoine Kaburahe arongoye ikinyamakuru Iwacu hamwe na Esdras Ndikumana akorera iradiyo y’abafaransa RFI, bagirijwe guhungabanya igihugu babicishije mu gushira ahabona ibijanye n’ikiza ca Covid-19 mu gihugu. Arnaud Froger aserukira RSF ku mugabane wa Afrika, aributsako abamenyeshamakuru badahari kugira bashimishe leta, ariko ko bafasha abategetsi mu gufata ingingo zibereye.
III. N’ayandi mashirahamwe nk’urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi UBJ na Human Rights Watch berekanye mu matangazo basohoye bashikirije amakenga bafise, ku majambo mabi yashikirijwe na Evariste Ndayishimiye yifatira mu gahanga abo bamenyeshamakuru babiri bagenzi bacu.
IV. Ibanki y’isi yose isaba leta y’Uburundi kwakira incanco ikongera igacandagisha abanyagihugu ikiza ca Covid-19. Ivyo babivuze imbere yo gutanga imfashanyo yiyongera kuyatanzwe mu ntumbero y’ukugwanya ico kiza, nk’uko umushikiranganji w’ikigega ca leta aheruka kuyisaba. Véronique Kabongo aserukira ibanki y’isi yose mu Burundi amenyesha ko abahinga mu vy’ubuvuzi bahari bikwiye kugira ico gikorwa c’ugucandaga kigende neza mu gihugu cose.
V. Abantu 24 barishwe,  batatu  baranyuruzwa, abandi 30 barahagarikwa hadakurikijwe amategeko  muri uku kwezi guheze kw’umunani. Ivyo biri mu cegeranyo c’umutekano muke giherutse gusohorwa n’ishirahamwe ACAT-Burundi rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu. Iryo shirahamwe rivugako ritewe umutima uhagaze n’ubwicanyi bujanye n’ivy’uburozi na cane cane mu ntara ya Muyinga, rigasaba leta kuhagabira. Augustin Nimubona ajejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe ACAT-Burundi.
VI. Mu rukirikirane rw’isekeza ry’umuhari MAP-Burundi ; ku bijanye no kwibuka imyaka 21 iheze amasezerano ya Arusha ateweko umukono; Léonce Ngendakumana yahoze atwara umugambwe FRODEBU amenyesha ko amasezerano Ya Arusha yabaye ishure ryo gukomeza ubumwe bw’abarundi. Ku bwiwe abarundi bose bari bakwiye guhagurukira kubungabunga ayo masezerano, kugira ngo bubake igihugu kirimwo amahoro n’umutekano.
VII. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarakuriye inkoni ku gishitsi kuri uyu wa kabiri abakozi b’ishirahamwe ONATEL ko ata mahera baheraniwe bazoronswa. Ariko uyo mukuru w’igihugu akwiye guca make akaraba ingene ishirahamwe ONATEL ryahomvye bigaca mu nama nshingwantwaro, hamwe n’inama itunganya ingene ishirahamwe rikora kugira bamenye inkomoko y’urwo ruhombo. Bivugwa n’umupfasoni Eulalie Nibizi, aho avuga ko ivyo kwifatira mu gahanga n’abaserukira abakozi mu masendika Atari vyo. Eulalie Nibizi akaba yahoze ari mu nzego z’ishirahamwe mpuzamasendika COSYBU.
VIII. Ferederiko Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu asigura ko Evariste Ndayishimiye yarakwiye kwiga ingene politike y’igihugu imeze muri kino gihe, hanyuma akagenzura uko ubutunzi bwifashe, aho leta ifise imitahe imbere yo gukarira abakozi n’abakoresha.
IX. Ubwoba bwo gutegekwa gutaha buguma bwiyongera mu mpunzi z’abarundi ziri i Nduta muri Tanzaniya. Ivyo vyatewe n’uko hari ingingo iherutse gufatwa yo kurungika mu misi ya vuba zimwe mu mpunzi gutemberera mu Burundi. Intumbero nk’uko vyamenyeshejwe n’abarongoye iyo kambi, azoba ari ukuraba uko umutekano wifashe ngo bazoce basubira muri Tanzaniya kuvuga uko vyifashe. Ariko rero impunzi zifise amakenga ko Tanzaniya izoba ironse icitwazo co kuzoca  ibatahisha ku nguvu.

Ibindi bisa n'ibi