I. Abasirikare b’Uburundi bahora mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya basaba kuronswa insiguro ku mafranga bakaswe, arenga ibihumbi 800 kuri umwe wese ku gahembo baronse k’amezi abiri. Bakavuga ko insiguro zitangwa n’ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana rya gisirikare CECADEM zitabanyuze, ahubwo babonamwo uruyeri rwoba ruhishiriye ubusuma.
II. Hari abacamanza batari bake barya ibiturire bagaca imanza za ngondagonde. Ivyo vyavuzwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Hakaba hari kuri uno wa gatanu ku murwa mukuru w’intara ya Gitega, aho yariko yugurura icese umwaka w’ubutungane wa 2023 ushira uwa 2024. Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yagereranije abo bacamanza barya ibiturire n’abantu bagerageza kurondera amafranga hasi hejuru kugira bihembe, ari naho mbere yabise ba Nzihemba. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yavuze ko abo bantu ataho batandukaniye n’abagwanya igihugu.
III. Umushingwamanza Janvier Bigirimana yanonosoye ibijanye n’amategeko asigura ko abacamanza batazokwigera bakora umwuga wabo neza, mu gihe cose bazokorera ku gitsure c’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Ku bwiwe, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye akwiye guhagarika ingendo yo kwama yidoga, kandi afise ububasha bwo gufata ingingo ku bintu vyose bitagenda neza.
IV. Ikiganiro Kw’Isôko c’uno munsi gishimikira kw’ibura ry’ibidandazwa vya nkenerwa rimaze iminsi ryibonekeza mu Burundi.